N° 4 (2014) - Amahoro.pl

The Carmelite Family
Burundi - Rwanda
Go to content

N° 4 (2014)

Spirituality > The Scapular > Formation
Kirundi N° 4 (2014)
                                                                    Mu maboko ya Mariya
Ukwiga gusenga dufashizwe n'umweranda
Tereza wa Yezu

Intangamarara
Bavukanyi, Imana yaturemye kubera umugambi w’urukundo yari idufitiye kuva kera na rindi. Yashize mu mutima w'umuntu inyota yo kwama  yerekez umutima wiwe  ku Muremyi wiwe, kuko ari muri we gusa ashobora kuruhukira no kuronka umunezero. Ni vyo Ogustino mweranda avuga ati: “ Mukama uri Rudasumwa, ukwiye gushemezwa imyaka yose, waturemeye kubana nawe, umutima wacu ntuzotekana neza utaruhukiye   muri wewe”. Iyo nyota ni yo imutuma arondera  Umukama  kugira ngo arushirizeho kunywana na we. Ibi navyo  abishikirira mu gisabisho ari naho agerageza kwerekeza umutima wiwe ye ku Muremyi wiwe. Ni vyo umweranda Tereza wa Yezu (bita kandi Tereza wa Avila) atwigisha kandi atumenyereza ingene dushobora kwinjira mu bunywanyi n'Imana. Ico  Tereza mweranda  yigisha, ni kugumana n'Imana isanzwe iri mu mutims wacu, tukayemerera ubucuti bukomeye idushakako, Yo itubwira iti: “Sinkibise  abasuku kuko  umusuku atamenya ivyo shebuja akora ; nabise abagenzi banje kuko  ivyo nabwiwe na Data vyose  nabibamenyesheje” (Yh 15,15). Kumenya ko turi abagenzi b'Imana kutuvyuramwo  icipfuzo co kubana nayo nk'uko ibishaka   bigatuma dukumbura kuyaga nayo  nk’uko yaganira na Musa yari warayibonyeho ubutoni, tukanezezwa n’uko Imana ituzi mu izina ryacu( Raba Yh10,3). Inyota yo kwamana na Yezu  ikama ari nk’igicaniro kitazima, ahubwo ku musi ku musi, ikaba nk'urubeya rururumba mu mutima; igisabisho ni nk’inkwi  umuriro w’urukundo (Za7).
Ukwo gucudika  n’Imana si ubw’umusi umwe, ni ubw’ igihe cose kuko igisabisho gishingiye ku rukundo, buryo bihindura  ubuzima bwa  minsi, maze ubuzima bugahinduka igisabisho. Nico gituma Tereza adusubiriramwo natwe ivyo yabwiye Abakarumerita agira ati:“ Abo tugiye  kuganira  ni abatanguye kuba abaasuku b’urukundo, ndibwira ko bo vy'ukuri, ata kindi mwohinduka  igihe mwafashe ingingo   yo gukurikira uwadukunze bihebuje, atari ukugendera mu nzira y’igisabisho c'umutima unywanye n’Imana” (1)
1. Ukunywana  n'Imana ni co muntu yaremewe!
Kuba incuti y’Imana ni umuhamagaro w’ikiremwa muntu. Muri katikisimu y' Ekleziya Gatolika batubwira ko mu gihe Imana yarema  umuntu yaramwishushanijeko, yashize  mu mutima wiwe icipfuzo co kurangamira Umuremyi wiwe. Imana iraresha  yibone mu  Muremyi wiwe,  imwuzuza umusesekara  w'’amahirwe nyakuri, umuntu yipfuza gushikira (2). Ni muri ubwo buryo umuhamagaro w'ikiremwa muntu ukugira ngo cunge ubumwe n'Imana idukunda, ishaka kunywana nabo yaremye.
2. Uburyo bwo gusenga
2.1.Gusenga uvuga
Gusenga uvuga ni bwo buryo buzwi kandi bumenyerewe na benshi. Ubwo buryo tubusanga mu masabamana canke  mu bisabisho abakristu bakoresha igihe cose. igikuru ni uko umuntu yosenga yatura amajambo avuye ku mutima. Ni vyo Tereza mweranda yigishije abo bari kumwe ati: “Mumenye ko igisabisho c’umutima kitagizwe n’uko umuntu apfunze umunwa  yuguruye  umunwa. Igihe nsenga natura amajambo, umutima wanje wose utegerezwa kuba werekeje ku Mana turiko turaganira. Niba ari Yo niyumvira kuruta  amajambo mvuga, aho rero mba mfatanije igisabisho c'agacerere mu mutima n’igisabisho c' amajambo. Ariko umbwiye  ko igihe umuntu avuga Dawe wa twese uri mw'ijuru umutima wibereye mu vy'isi aba ariko arasenga, jewe si ko ndabibona! Aho kubiharira ndinumira...”Umweranda Tereza wa Yezu arabandanya avuga ati: “Ntibikavugwe  ko gusenga tubivuga mu majambo gusa ku kamenyero gusa, umutima wacu uri kure y’Imana, kwoba ari ugusenga, ivyo si jewe  nobisigura  ndabirekeye abahinga bazobereye mu vyirwa ndoramana." Ico jewe nshimikako ni uko tutoshira agati mu ryinyo twihenda ngo birakwiye... Birumvikana ko igihe mvuga“Ngaragaza ukwemera” ni nkenerwa  ko ntahura  uwo nemera, ni na ko bitegerezwa  kumera igihe nsenga "Dawe wa twes'uri mw'ijuru"; kwoba  ukwerekana urukundo igihe nibutse uwo nita 'Dawe-Muvyeyi' ariwe, n'Umwigisha yatwigishije gusenga ngo tumwite Data . Mukama Mana yanjye, ntuzotume abashaka kunywana nawe basukiranya amajambo, umutima uri kure yawe, ngo ni kwo  gusenga" (3). Insiguro ya Tereza yemeza  ko gusenga uvuga cane na vyo bituma tunywana n’Imana. Igikenewe ni umutima wacu werekeje ku Mana, n’ubwenge bwacu buzirikana neza ico tuvuga.
2.2.Gusenga mu gacerere.
Tereza gusigura uburyo bwo gusenga mu majambo yumvikana, yigishije gusenga mu gacerere mu mutima utekanye imbere mu muntu. Hariho inzira ziri twocamwo canke uburyo bubiri bushikana ku gisabisho nyaco Tereza mweranda atumenyereza:
-Abashobora gusenga
-Abadashobora kuzirikana kuko batabizi canke bitaborohera.

3. Abashobora gusenga
Inzira yo kuzirikana igendwa n’abo ubwenge bwamenyereje kwiyumvira ku buryo ijambo bashobora kurivyaza ico rinyegeje. Iyo basenga bakunda kuva ku ngingo baja ku yindi canke ku ciyumviro  baja ku kindi, kugira ngo ubwenge bukinyengetere. Ivyo bituma uwuzirikana yisuzuma kugira ngo ivyo yatahuye abihuze n’ubuzima bwiwe. Ubwo buryo burariye gukabura  ugukunda Imana cane, gutakamba no gufata ingingo yo kugarukira Imana; umutima ingingo ntabanduka yo gutera imbere mu kubana n'Imana.
Ku vyo umuntu yoshobora kuzirikana, Tereza wa Avila urugero agira ati: « vyoakumvikana, umuntu azirikanye ububabare bwa Yezu nk’igihe bamuboheye ku nkingi, bityo ubwenge bukarondera ivyo vyose vyokwumvisha umubabaro urenze urugero,  Kristu yagize imbere y’ako gashinyaguro… ubwo buryo bwo gusenga nibwo dutegerezwa  gutangurirako, tukabubandanya kandi tukanabusozererako. Iyo nzira nziza, irarashe, kandi ni yo kwizigira, gushika aho Umukama  ubwiwe  ashatse kutuduza akadushira mu bindi bintu birengeye kamere yacu» (4).
4.  Ivyamwa biva mu kuzirikana n’intambamyi zirimwo
a. Ivyamwa biva mu kuzirikana
Abazirikana batizigitiriye ku vy’isi n’ivyayo biyayuka bidatevye bakiyumvira ububabare   bukomeye Umukiza wacu yagize n’ingene tumuhemukira canke bakazirikana bafatiye ku vyiza aha abamukunda, babona muri ivyo vyose ibibafasha gutsinga gusamara mu gisabisho bagaheba  ibicumuro  bashobora kugwamwo. Tereza agira ati: “Ico gisabisho ni ciza rwose, mbere ni ico gushimwa…Ariko uko kuzirikana gushobora kwigumira mu buhinga bwo gusesangura amajambo no kuyiyumvirako, aho nti kiba ari igisabisho kirengeye kamere kivuye ku  mutima, ahubwo ni intango yaco, kuko gusenga ni ukuganira n’Imana si ukwivugana canke kwiyumvira ibirora  ku Mana” (5).
b. Intambamyi zo kuzirikana
Umuvyeyi Tereza yungako ati: "Tutaravye neza, kwiyumvira  cane bishobora kutubera intambamyi  mu gisabisho ndengakamere; twobigereranya no guteba mu kibanza wambariramwo ntushike mu nzu y'ubukwe. Bishobora kandi guha inzira ubwoba butwinyegezamwo butuma dutinya kurwanira ukwemera kwikwije ukuri canke kwuzuyekubiboneka, kuko Imana tuganira ni Mutima gusa, si iyiboneka,, ntifadika, ni ukwemera kwonyene kudufasha kuyiguma imbere. Ni co gituma igihe ubwenge butanguye kwegerana neza amajambo mu mvugo nziza inoze, umuntu  yibwira ko hari ico yakoze canke yashitseko”(6).
Tereza yibutsa abasoma inyandiko ziwe ko yashitse  kuri rya soko ry’amazi atanga ubuzima; vyerekana  ko avuga azi. Ni co gituma   adatinya kutugereraniriza igisabisho co kuzirikana n’imigende y'amazi ku buryo abantu bavyumva ningoga ati: « Kuzirikana n’amazi y’ibiziba, atemba mu gipfungu canke’umwijima.
Nayo uburyo  bwo gusenga ndengakamere ni nk’amazi arongorotse atemba mu kirahuri maze hakacamwo imishwarara y’izuba (Livre de la Vie(Igitabo cy’ubuzima) 27). Abisigura, avuga ati: «Igihe twiyumvira ku vy'isi  tuzirikana ku vyiza vyayo bihinda bihera, dushobora kugwa mu mutego tutabizi tugafatwa nawo, cane cane iyo harimwo ibitunezereza. Ivyo bisigura ko  igihe twibwira ko twirinda guca mu kiziba tukinyerereramwo, tugasanga twamaze gukirwamwo… dutegerezwa  kuba maso kugira ngo ntitugwe mu ruzi turwita ikiziba» (7). Ico adufasha ni ukwitandukanya n’ivyiyumviro bituruka ku co tuzirikanako, kuko, bishobora kuba vyinshi kandi bigatwara inguvu zose z’ubwenge. Twibuke ko gusenga atari ukwiyumvira cane canke kwivuga imbere y’Imana, ahubwo ni ukuvugana na Yo, ari vyo twise kuganira n’Imana. Tereza akomeza kutwibutsa ko gusenga neza atari ukuvuga amajambo menshi, ahubwo ko ari ugukunda cane; aha rero kubera ko igisabisho gishingiye ku rukundo ruri hagati y’umuntu n'Umukama.

5.  Abadashobora kuzirikana

Nk’uko twabibonye haruguru, urugendo rugana ku isoko y’igisabisho ndengakamere, rurimwo uburyo bubiri. Ubwa mbere ni ubw’abashobora kuzirikana. Hari ivyiza vyabwo, n’ivyo dutegerezwa kwitondera. Tereza akomeza kwigisha inzira abadashobora kuzirikana. Abisobanura ahereye ku vyo yabayemwo nyene  ubwiwe avuga ati:« ingabirano yo kuzirikana nsesangura ivyo nsoma: mu gihe nsenga mpereye ku vyanditswe. Kwishushaniriza mu vyiyumviro Ubumuntu bw’umwami wacu vyo bindi kure. Mu myaka myinshi, nababazwa no kudashobora guhama hamwe ku ngingo iyi n’iyi igihe nasenga mu mutima. Vyarangerageje bibabaje kuko, iyo ugushaka kudafise ico gushimirako ni nk’aho utari kumwe n’uwo ukunda kanya ko gusenga. Umutima ntaco ushingiyeko,… Ico gihe ukwiyumvira gusa n’impene yaciye ikiziriko yiruka hose canke akanyugunyugu gakubita hirya no hino. Ni urugamba rukomeye kugira ngo umutima nytusanzare (8). Izo ngorane Tereza yagize yaba azisangiye n’abandi? Uwo Muvyeyi hari benshi mu basenga bamubikije amabanga yabo, bagize izo ngorane zo kunanirwa kuzirikana igihe basenga. Abishimikirako avuga ati: "Hari abantu b’ubwenge butaguma  hamwe … jye nabimazemwo imyaka cumi n’ine kuzirikana, kiretse nifashishije igitabo. Hari n’abandi batabishobora na gatoyi. Ico bagerageza ni ugusenga bavuga, ni vyo bibafasha. Hari n’abize b’ubwenge bukwiye badashobora kuguma hamwe ku ngingo iyi n’iyi igihe basenga. Baguma badatekanye, bashaka gushikana iciyumviro cabo ku Mana, bakagwa mu ndoto, canke mu kwiyagiriza ibicumuro no gukekekeranya. Abandi iyo basenga bavuga cane baba basamaye, umutima udatekanye" (9).

6.  Ibituma  umuntu adashobora  kuzirikana

Ibituma  ni nyinshi. Bishobora guturuka kuri  kamere y’umuntu afise ubwenge burajarajara ntibugume hamwe nk’uko Tereza yabidusobanuriye. « Hari n’igihe umuntu aba atameze neza mu mubiri wiwe canke  iyo kamere nayo idakomeye cane, mu mutwe hafise uburwayi n’ubundi bumuga gutekana muri bo, n’aho bagerageza uko bashoboye (10). Uretse izo ngorane  za kamere z'uburwayi bw'umubiri, hariho no kutamenya amategeko y'igisabisho c'umutima. Twabonye akarorero   bazirikana ubwenge butaruhuka, bakibwira ko kutiyumvira ari nko guta umwanya. Noneho ku badashobora kuzirikana, ko urukundo bafitiye Imana rwongerekana. Ikindi, ni igihe umuntu aba ari mu gicumuro amazemwo iminsi canke ari mu kintu  kitari mu nzira z'Imana, aba adashaka kuvavanura naco. Birashoboka  noneho kubura  ukwicisha bugufi canke gushaka inguvu ngo umuntu ashikire igisabisho c'umutima. Hari naho  bituruka   ku Mana, ishaka gucisha umutima mw'ityorora. Ivyo vyose vyotuma umuntu yihebura kuko adashobora kuzirikana.Ivyo bisaba kudacika intege.
7. Inzira isaba kwiyumanganya ariko ishoboka
Iyo nzira irimwo amageragezwa ariko  umuntu arunguka  ashikira adatevye ku gisabisho co kwihweza Imana. Ico bikora bisaba kwiyumanganya no  kutarambirwa (11). «Kuzirikana n’ubwenge bwabo, iyo bashishikaye kwerekeza amaso kw'isoko kukwihweza Imana baraheza bakanyaruka, kuko bagendera mu rukundo» (12). Hakenewe kutihebura ku badashobora kwishimikiza agakoni ko kuzirikana. Ariko bakeneye no gufashwa. Tereza yaciye muri  iyo nzira arayizi Abarundi bararayaz bati:  « Inda woyibarira uwayirayeko», Tereza yiyemeje gusigura no guterera ivyiyumviro agira ati:«Kuzoshika ku musi Mutima Mweranda aho we nyene azoturongora mu nzira ishikana ku mazi y'ubuzima… Ntaco bimaze kubabara no guhagarika umutima  cane igihe  bigaragara ko ingorane ziva ku mubiri wacu canke kuri  kamere y’ivyiyumviroAbo babwirizwa kwiyumanganya kushika  Imana ibahaye ico bakora ikongera ikabamurikira” (13).
Inyigisho za Tereza zirumvikana, yibutsa imigambi umuntu ategerezwa  gufata. Iyo migambi ni nk'iyi: Kwiyumanganya bizoshigikirwa no kuvyipfuza cane, bigeretsweko kuvyiyemeza bidasubirwamwo no kwamana inyota y’igisabisho c'irangamiramana Tereza yise «Amazi atanga ubuzima». Umuvyeyi Tereza yibutsa ko kwiramiza ayo mazi, ari ubutumire bwaYezu adutumira n'ijwi rerenga nk’uko twabibonye hejuru (Yh7). Tereza yaraduherekeje, atwereka inzira ishika kw'isoko, hasigaye kuyifata twitwaje umugambi wo kudacika intege.
Mu gusozera reka  Turabe bikuru bikuru  vy’ urugendo rwo gusenga uko Umuvyeyi yigisha  ababyipfuza.
8.  Gusozera
Gusengesha amajambo yumvikana canke mu gacerere k'umutima Tereza abibonamwo kijana ku bunywanyi bw'Imana. Uburyo bwose arabwemera ariko akatugira inama yo gukoresha uburyo bugira kabiri. Mu nyandiko ziwe iyo avuga igisabisho mu bwihwezamana akenshi aba ashaka kuvuga igisabisho c'agacerere, umutima n’ubwenge mu Mana. Noneho mu nyigisho ziwe arerekana ko gusenga uvuga na vyo nyene bishikana kuri  rya soko ry’amazi y'ubuzima Yezu atubwira. ati: “Nk’igihe tuvuga Dawe wa  twese uri mw'ijuru canke ikindi gisabisho, Umukama aratuduza akadushikana ku gisabisho c'ubwihwezamana nyakuri. Arerekana  ko Imana yumva uyerekejeko umutima” (14). Ico gisabisho gifise intumbero yo kuduteza   imbere rukundo rw’igishika  Yezu adufitiye. Turishimira  rwose ko iyo dusenga tutaba turi  twe nyene. Mu gisabisho Imana ihafise uruhara runini; ivyo ntawovyibagira  na rimwe! Yezu araduhamagara ngo dutere tuja imbere gushika isaha  yagenye yo kutwinjiza mu bunywanyi  n’Imana kandi tukayihweza imbonankubone. Tereza abishimikako avuga ati: “ Ico gisabisho ni co mazi y'ubuzima twipfuza. Imana ntiba naho  tutayumva!...Iranywana  n’umutima wacu igihe umutima uyerekejeko uyininahaza canke uyisenga” (15).
Bavukanyi, urugendo mw'ishure ry’igisabsisho ni rurerure, tuzobandanya twigira  hamwe turaba n’ibindi bice bikurikirana no kuzirikana.
_________________________________________
Notes de bas de page:
Koleta Mariya Deo Gratias, Tereza w'Avila Umutoza w'isengesho, Easy print Ltd, Kampala, Uganda, August 2013, pp 109-110.
Katikisimu ya Ekleziya Gatorika, n° 27-30; n° 1699- 1701-1705.
Tereza w’Avila Umutoza w’isengesho, p 118.
Tereza w’Avila Umutoza w’isengesho, p 120.
Tereza w’Avila Umutoza w’isengesho, p 121.
Igitabo cy’ubuzima, 11).
Tereza w’Avila Umutoza w’isengesho, p 121, canke (Inzira y’ubweranda, 21).
(Igitabo cy’ubuzima, 4).

(Inzira y’ubweranda, 19).
Chemin de perfection : Inzira y’ubutungane, 26 .
Livre de la Vie : Igitabo cy'ubuzima, 4.  
Livre de la Vie: Igitabo cy'ubuzima, 9.
Livre de la Vie: Igitabo cy'ubuzima,7, 38;11-15).
Chemin de perfection : Inzira y'Ubutungane, 25- 28.
Chemin de perfection : Inzira y’Ubutungane, 22,4)

Bihinduwe mu Kirundi na Furera Y-M Viyane SAKUBU, Umukarume

KINYARWANDA

Mu maboko ya Mariya:
Kwitoza gusenga  hamwe na  Mutagatifu Tereza wa Yezu

IRIBURIRO
Bavandimwe, Imana yaturemye kubera umugambi w’urukundo yari idufitiye kuva kera na kare. Yashyize mu mutima wa muntu inyota yo guhora yerekeza roho ye ku Muremyi we, kubera ko ari muri we gusa ashobora kuruhukira no kubona  ibyishimo. Ni cyo Mutagatifu Augustini avuga ati: “Nyagasani uri Rudasumwa, ukwiye gusingizwa iteka ryose, waturemeye kubana nawe, umutima wacu ntuzatuza bibaho utaratura muri wowe”.  Iyo nyota ni yo imutera gushakashaka Nyagasani ngo arusheho gusabana na we. Ibi ngibi akabigeraho mu isengesho aho agerageza kwerekeza roho ye ku Muremyi we. Ni cyo Mutagatifu Tereza wa Yezu (bita kandi Tereza wa Avila) atwigisha kandi adutoza uko dushobora kwinjira mu muhyikirano n’Imana.
Icyo Mutagatifu Tereza yigisha, ni ugusanga Imana ituye mu mutima wacu, tukayemerera ubucuti bukomeye idushakaho, Yo itubwira ngo: “Sinkibita abagaragu muri inshuti zanjye”    ( Yh 15,14-17). Kumenya ko turi inshuti z’Imana  byakagombye kudukanguramo icyifuzo cyo kuyibanira  nk’uko ibishaka (Z63,2) bikadutera urukumbuzi rwo kuganira na Yo nk’uko yaganiraga na Musa wari warayibonyeho ubutoni, tukanezezwa n’uko Imana ituzi mu izina ryacu (Iym 33,10; Yh10,3). Urukumbuzi rwo guhorana n’umukunzi Yezu, rugahora ari nk’igicaniro kidasinzira, ahubwo umunsi ku wundi, rukaba nk’ikibatsi kigurumana mu mutima; isengesho ni nk’imyase ishyidika umuriro w’urukundo (Za7).
Ubwo bucuti n’Imana si ubw’umunsi umwe, ni ubw’ igihe cyose kuko isengesho rishingiye ku rukundo,  ku buryo  gusenga bisendera imibereho ya buri munsi, n’imibereho igahinduka isengesho.  Niyo mpamvu Tereza natwe adusubiriramo ibyo yabwiye Abakarumerita agira ati:“Abo ngiye kuganira nabo ni abatangiye kuba abagaragu b’urukundo, ndibwira ko  muri bo koko, nta kindi mwaba cyo igihe mwafashe icyemezo ndakuka cyo  gukurikira uwadukunze byahebuje, tugendera mu nzira y’isengesho ry’umutima usabanye n’Imana” (Koleta Mariya Deo Gratias, Tereza w'Avila Umutoza w'isengesho, Easy print Ltd, Kampala, Uganda, August 2013, pp 109-110)

1. Gusabana n'Imana ni cyo muntu yaremewe!
Kuba inshuti y’Imana ni umuhamagaro w’ikiremwa muntu. Muri Gatigisimu ya Kiliziya Gatolika batubwira ko mu gihe Imana yaremye muntu mu ishusho ryayo, yasharaze mu mutima we icyifuzo cyo kurangamira Iyamuhanze. Imana ihora ireshya  Muntu ngo yibone mu Yamuremye,  bityo Imukungahaze  igisagirane  cy’amahirwe nyakuri, umuntu yifuza kugeraho ( Gatigisimu ya Kiliziya Gatorika n° 27-30; n° 1699- 1701-1705). Ni kuri ubwo buryo umuhamagaro w'ikiremwa muntu  ari ukugira ngo cyunge ubumwe n'Imana  Rurema udukunda, ishaka gusabana n'abo yaremye.  Urwo rukundo rumeze nk'urw'umusore ureshya umugeni, rutuma  umuntu ahugukira kuramya no gusenga Umuremyi mu bwisanzure bakunga ubumwe; uko kunga ubumwe ni ko guha agaciro ikiremwa-muntu kidashobora kubaho kitari kumwe na Rurema wamugize umukunzi we kuko, imibereho ya muntu ishingiye ku Mana yamugabiye ineza yaguranwa amagara (Za 62,4).

2. Uburyo bwo gusenga
2.1.Gusenga uvuga
Gusenga uvuga ni bwo buryo buzwi kandi bumenyerewe na benshi. Ubwo buryo tubusanga muri liturujiya cyangwa se mu masengesho abakristu bakoresha igihe cyose. Icy’ingenzi ni uko igihe dusenga twatuye amagambo bituruka ku mutima. Ni byo  Mutagatifu Tereza yigishije abo bari kumwe ati: “Mumenye ko isengesho ry’umutima ritagizwe n’uko umuntu abumbye cyangwa abumbuye umunwa. Igihe nsenga natura amagambo, umutima wanjye wose ugomba kuba werekeye ku Mana nganiriza. Niba ari Yo ntekereza kuruta amagambo mvuga, ubwo mba nkomatanyirije hamwe isengesho ry’umutima n’iryo mvuga natura amagambo. Ariko kunyemeza ko igihe uvuga Dawe uri mu ijuru umutima wasaye mu by’isi aba asenga, jye si ko mbibona! Aho kujya impaka ndicecekera…”
Mutagatifu Tereza wa Yezu akomeza ati: “Ntibikavugwe ko gusenga twatuye amagambo by’ akamenyero gusa, umutima wacu uri kure y’Imana, byaba ari ugusenga, ibyo si jye wabisobanura mbihariye abahanga b’inzobere muri Tewolojiya. Icyo jyewe tsindagira ni uko tutaterera agati mu ryinyo twibeshya ko bihagije... Birumvikana ko igihe mvuga “Indangakwemera” ari ngombwa ko nsobanukirwa n’uwo nemera, ni na ko bigomba kumera igihe mvuga "Dawe uri mu ijuru"; byaba kwerekana urukundo igihe nibutse uwo nita 'Dawe-Mubyeyi'  uwo ariwe, n'Umwigisha watwigishije gusenga tumuhamagara Data . Nyagasani Mana yanjye, ntuzatume abashaka gushyikirana nawe basukiranya amagambo, umutima uri kure ye, ngo ubwo ni ugusenga" (Tereza w’Avila Umutoza w’isengesho, p 118).  Ibisobanuro bya Tereza byumvisha ko gusenga uvuga cyane na byo bituma dusabana n’Imana. Icya ngombwa ni umutima wacu uyerekeyeho, n’ubwenge bwacu bwumva neza icyo tuvuga.

2.2.Gusenga bucece
Tereza  amaze gusobanura uburyo bwo gusenga mu magambo yumvikana, yigishije gusenga bucece mu mutima utuje imbere mu muntu. Hari inzira ebyiri nyabagendwa cyangwa uburyo bubiri bugeza ku isengesho ry’umutuzo Mutagatifu Tereza adutoza:
Abashobora gusenga  bazirikana
Abadashobora kuzirikana kuko batabizi cyangwa bitaborohera.

Abashobora gusenga  bazirikana
Inzira yo kuzirikana igendwa n’abo ubwenge bwatojwe gutekereza ku buryo ijambo bashobora kuribyaza icyo rihatse cyose. Iyo basenga bakunze kuva ku ngingo bajya ku yindi cyangwa ku gitekerezo bajya ku kindi, kugira ngo ubwenge bugicengere. Ibyo bituma uzirikana yisuzuma kugira ngo ibyo yumvise abihuze n’ubuzima bwe. Ubwo buryo bugamije kwikanguramo gukunda Imana kurushaho, gutakamba no gufata ingamba  zo kugarukira Imana; umutima ugafata icyemezo kidakuka cyo gutera imbere mu bubaniramana.
Ku bizirikanwaho, Tereza wa Avila  abiduhamo urugero agira ati: «  ko byakumvikana, umuntu azirikanye ku Bubabare bwa Yezu nk’igihe bamuboheye ku nkingi, bityo ubwenge bugashakisha impamvu zose zakumvisha ububabare bukaze, ishavu rikomeye Kristu yagize imbere y’ako gashinyaguro… ubwo buryo bwo gusenga ni bwo tugomba gutangiriraho, tugakomerezaho kandi tukanaburangirizaho. Iyo nzira ni ingenzi, iraboneye, kandi ni yo kwizerwa, kuzageza ubwo Nyagasani ubwe ashatse kutuzamura akadushyitsa mu bindi bintu by’indegakamere»   (Tereza w’Avila Umutoza w’isengesho, p120).

Imbuto zera mu kuzirikana n’inzitizi zibamo
a. Imbuto zera mu kuzirikana
Abazirikana batitaye ku by’isi n’ibyayo biyoyoka vuba, bagatekereza ku bubabare bukomeye Umukiza wacu yagize n’uko tumuhemukira cyangwa se ku byiza aha abamukunda, babona muri ibyo byose ibibafasha gutsinda uburangare mu masengesho no kureka ibyaha bashoboraga kugwamo. Tereza agira ati: “Iryo sengesho ni ryiza rwose, ndetse ni iryo gushimwa…Ariko uko kuzirikana gushobora kwigumira mu buhanga bwo gucengera amagambo no kuyatekerezaho, nta bwo ari byo sengesho ndengakamere riturutse mu mutima, ahubwo ni intangiriro yaryo, kuko gusenga ni ukuganira n’Imana si ukwivugisha cyangwa gutekereza ibyerekeye ku Mana” (Tereza w’Avila Umutoza w’isengesho, p121)

b. Inzitizi zo kuzirikana
Umubyeyi Tereza yungamo ati: "Tutarebye neza, gutekereza cyane bishobora kutubera inzitizi mu isengesho ndengakamere; twabigereranya no gutinda mu rwambariro ntugere mu nzu y'ubukwe. Bishobora na none guha urwaho ubwoba butwihishemo butuma dutinya guhangana n'ukwemera kwambaye ukuri cyangwa gucuze  umwijima ku bigaragarira umubiri gusa, kuko Imana tuganira ni Roho nsa, ntiboneka, ntifatika, ni ukwemera konyine kudufasha kuyiguma imbere. Ni yo mpamvu igihe ubwenge butangiye kwegeranya neza amagambo mu mvugo nziza inoze, umuntu aba yibwira ko hari icyo yakoze cyangwa yagezeho” (Livre de la Vie(Igitabo cy’ubuzima) 11).
Tereza yibutsa abasoma inyandiko ze ko yageze kuri ya soko y’amazi atanga ubugingo; byumvisha ko avuga  ibyo azi. Ni yo mpamvu adatinya kutugereranyiriza isengesho ryo kuzirikana n’imisusire y’amazi mu buryo abantu bashobora kumva vuba: «   Kuzirikana ni’amazi atobamye, atemba mu gihe cy’ibihu cyangwa  cy’umwijima. Naho uburyo bwo gusenga ndengakamere ni nk’amazi arongorotse atemba mu kirahure maze hagashokeramo imirasire y’izuba (Livre de la Vie(Igitabo cy’ubuzima) 27). Abisobanura, agira ati: «Igihe dutekereza ku by’isi tuzirikana ku byiza byayo bihita vuba, dushobora kugwa mu mutego tutabizi tugafatwa nawo, cyane cyane iyo harimo ibidushimisha. Bivuga ko igihe twibwira ko twirinda isayo tuyinyereramo, tugashiduka twashayemo…  Tugomba kuba maso kugira ngotutagwa mu ruzi turwita ikiziba» ( Chemin de perfection(Inzira y’ubutungane) 21). Icyadufasha ni ukwitandukanya n’ibitekerezo bituruka ku cyo tuzirikanaho, kuko, bishobora kuba byinshi kandi bigafata imbaraga zose z’ubwenge. Twibuke ko gusenga atari ugutekereza cyane cyangwa kwivuga imbere y’Imana, ahubwo ni ukuvugana na Yo, ari byo twise kuganira n’Imana. Tereza akomeza kutwibutsa ko gusenga neza atari ukuvuga amagambo menshi, ahubwo ko ari ugukunda cyane; aha ngaha kubera ko isengesho rishingiye ku rukundo ruri hagati y’umuntu na Nyagasani.

Abadashobora kuzirikana
Nk’uko twabibonye haruguru, urugendo rugana ku isoko y’isengesho ndengakamere, rurimo uburyo bubiri. Ubwa mbere ni ubw’abashobora kuzirikana. Hari ibyiza byabwo, n’ibyo tugomba kwitondera. Tereza akomeza gutoza inzira abadashobora kuzirikana. Abisobanura ahereye ku byo yabayemo  we ubwe agira ati:«  ntiyampaye ingabire yo kuzirikana nsesengura ibyo nsoma: mu gihe nsenga mpereye ku byanditswe. Kwishushanyiriza mu bitekerezo Ubumuntu bw’umwami wacu byo bindi kure. Mu myaka myinshi, nababazwaga no kudashobora guhama hamwe ku ngingo iyi n’iyi igihe nasengaga mu mutima. Byambereye  ikigeragezo kibabaje kuko, iyo ubushake budafite icyo buhugiyeho ni nk’aho utari kumwe n’uwo ukunda  mu kanya ko gusenga. Umutima ntacyo  uba wishingikirijeho, uba uri mu gihirahiro… Icyo gihe ugutekereza gusa n’ihene yaciye ikiziriko yiruka hose cyangwa akanyugunyugu gakubita hirya no hino. Ni urugamba rukomeye kugira ngo umutima utanyanyagira (Livre de la Vie(Igitabo cy’ubuzima) 4).
Izo ngorane Tereza yagize yaba azihuje n’abandi? Uwo Mubyeyi hari benshi mu basenga bamubikije amabanga yabo, bahuye n’izo ngorane zo kunanirwa kuzirikana igihe basenga. Abikomozaho agira ati: «  Hari abantu b’ubwenge budahama hamwe … jye nabimazemo imyaka cumi n’ine  ntashobora kuzirikana, kereka nifashishije igitabo. Hari n’abandi batabishobora na gato. Icyo bagerageza ni ugusenga bavuga, ni byo bibafasha. Hari n’abize b’ubwenge buhagije badashobora guhama hamwe ku ngingo iyi n’iyi igihe basenga. Bahora bahangayitse, bashaka gushyitsa igitekerezo cyabo ku Mana, bakagwa mu ndoto, cyangwa mu kwishinja ibyaha no gushidikanya. Abandi iyo basenga bavuga cyane baba barangaye, umutima watorongeye ( Chemin de perfection (Inzira y’ubutungane) 19).

Impamvu zo kunanirwa kuzirikana
Impamvu ni nyinshi. Bishobora guturuka ku miterere ya kamere y’umuntuufite ubwenge bujarajara ntibuhame hamwe nk’uko Tereza amaze gusobanura. « Hari n’igihe umuntu aba atameze neza mu mubiri we cyangwa se iyo kamere nayo idakomeye cyane, mu mutwe hafite uburwayi n’ubundi bumuga  bwababuza kwisuganya muri bo,  kabone n’aho bagerageza uko bashoboye (Chemin de perfection (Inzira y’ubutungane) 26). Uretse izo mpamvu za kamere  cyangwa z'uburwayi bw'umubiri, hari no kutamenya amategeko y'isengesho ry'umutima. Twabonye urugero haruguru  ku bazirikana ubwenge butaruhuka, bakibwira ko kwitsa ari nko gutakaza igihe. Na none ku badashoboye kuzirikana,  ntibamenya niba urukundo bafitiye Imana rwiyongera. Ikindi, ni igihe umuntu aba ari mu cyaha amazemo iminsi cyangwa ari mu kintu  yiziritseho kitari mu nzira z'Imana, aba adashaka kurekura. Birashoboka na none kutagira ukwicisha bugufi cyangwa gushaka  gukoresha ingufu ngo umuntu agere ku isengesho ry'umutima ku bwe. Hari n'ubwo bishobora guturuka ku Mana, ishaka gucisha umutima mu isukuriro. Ibyo byose byatuma umuntu yiheba kuko adashobora kuzirikana.Ibyo bisaba kudacika intege.
Inzira isaba kwihangana ariko y’ubusamo
Iyo nzira irimo ibigeragezo ariko inyungu ziragaraga kuko ikugeza vuba kuri rya sengesho ry’uburangamiramana. Icyakora bisaba kwihangana no kudacogora (Livre de la Vie (Igitabo cy’ubuzima) 4). «kuzirikana n’ubwenge bwabo, iyo bashinguye berekeza kuri ya soko iganisha mu burangamiramana barihuta, kuko bagendera mu rukundo»   (Livre de la Vie(Igitabo cy’ubuzima) 9). Hagomba ubudacogora ku badashobora kwishingikiriza akabando ko kuzirikana. Ariko bakeneye no gufashwa. Tereza wanyuze iyo nzira arayizi.Abanyarwanda bagira bati:«Ijoro ribara uwariraye», Tereza yiyemeje gusobanura no gutanga inama agira ati:«Kuzageza umunsi Roho Mutagatifu ari we ubwe uzatuyobora inzira igeza ku mazi atanga ubugingo… Ntacyo bimaze kubabara no guhangayikacyane cyane iyo bigaragara ko impamvu ziva ku mubiri wacu cyangwa kamere y’ibyumviroAbo bagomba kwihangana kuzageza ubwo Imana ibaha icyo bakora kandi ikabaha n’urumuri” (Livre de la Vie(Igitabo cy’ubuzima)  7,38;11-15).
Inama za Tereza zirumvikana, yibutsa ingamba umuntu agomba gufata. Izo ngamba ni izi zikurikirana: Kudacogora bizashyigikirwa no kubyifuza cyane, bigeretseho kubyiyemeza bidasubirwaho no guhorana inyota y’isengesho ry’uburangamiramana Tereza yise «Amazi atanga ubugingo». Umubyeyi Tereza yibutsa ko kwiramiza ayo mazi, ari ubutumire bwaYezu uduhamagara aranguruye nk’uko twabibonye haruguru (Yh7). Tereza yaraduherekeje, atwereka inzira igera ku isoko, hasigaye kuyigenda twitwaje umugambi wo kudacika intege. Turebe  ibice by’ingenzi by’ urugendo rwo gusenga uko Umubyeyi abitoza ababyifuza.

Umwanzuro
Gusenga amagambo yumvikana cyangwa bucece mu mutima Tereza abibonamo  isengesho rijyana ku busabanirama. Uburyo bwombi arabwemera ariko akatugira inama yo gukoresha ubwa kabiri. Mu nyandiko ze iyo avuga isengesho  ryinjiza mu burangamiramana akenshi aba ashaka kuvuga isengesho rya bucece, umutima n’ubwenge  byatwawe mu Mana. Na none mu nyigisho ze agaragaza ko  no gusenga uvuga na byo bigeza kuri ya soko y’amazi atanga ubugingo Yezu atubwira.  Ahamya ko “Nk’igihe tuvuga Dawe uri mu ijuru cyangwa irindi sengesho, Nyagasani aratuzamura akatugeza ku isengesho ry’uburangamiramana bwuzuye. Yerekana ko Imana yumva uyerekejeho umutima” (Chemin de perfection (Inzira y'Ubutungane) 25- 28).
Iryo sengesho rigamije kuduteza imbere  mu rukundo rw’igisagirane Yezu adufitiye. Twizera rwose ko iyo dusenga tuba tutari twenyine. Mu isengesho Imana ihafite uruhare rukomeye; ntakubyibagirwa na rimwe! Yezu araduhamagara ngo dutere imbere kuzageza aje kuri ya saha yagennye ubwo tunzinjira mu mushyikirano n’Imana kandi tukayirangamira imbonankubone. Tereza abishimangira agira ati: “ Iryo sengesho ni yo mazi atanga ubugingo twifuza. Imana ntiba  icecetse, n’ubwo tutayumva!...Ishyikirana n’umutima wacu igihe umutima uyerekeyeho uyiramya cyangwa uyisenga” (Chemin de perfection( Inzira y’Ubutungane) 22,4).)
Bavandimwe, urugendo m ishuri ry’isengesho ni rurerure, tuzakomeza gusesengura hamwe tureba n’ibindi byiciro biza nyuma yo kuzirikina.

This is the official website of the Regional Vicariate of the Discalced Carmelites in Burundi and Rwanda.
Copyright 2013 Amahoro.pl. All rights reserved. Website project: Fr. Fryderyk Jaworski, ocd

Back to content