N° 3 (2013) - Amahoro.pl

The Carmelite Family
Burundi - Rwanda
Go to content

N° 3 (2013)

Spirituality > The Scapular > Formation
Kirundi N° 3 (2013)
Mu maboko ya Mariya

UBUZIMA BWA ELIYA

Intangamarara   

Kuvuga ubuzima bw'umuntu nka Eliya ntivyoroshe kuko yinjira mu buzima butangaje kandi ikindi gitangaje nta muntu n'umwe amenya  irengero ryiwe. Uko Yezu aduga aja mw'ijuru abatumwa biwe bamubona ni ko na Eliya yaduze mu rubeya rw'umuriro  Elisa amubona. Nta handi rero twokura inkuru y’ubuzima bwiwe atari muri Bibiliya. Akaba arico  gitumye dushaka kuraba ingene yabayeho dufashijwe  n'Ijambo ry’Imana. Tukabikora mu bihimba  bitandukanye:
-Eliya, umuhanuzi
-Eliya, umunywanyi n'Imana
-Eliya n’umuryango wa Karumeri
-Ivyo  umuntu yokwigira kuri Eliya

Eliya umuhanuzi
Inkuru ya Eliya umuhanuzi tuyisanga mu gitabo ca mbere c’abami kuva ku kigabane  ca cumi n'indwi gusika  ku kigabane  c'icumi n’icenda. Eliya ni Umutishibi wo mu bantu bo gisagara Gilihadi. Bibiliya nta kindi itubwira kuvyerekeye Eliya, ntituzi ko yoba yari afise abo bavukana, niba yari yubatse, n'ico yakora. Gusa, tubona ko ari umuntu atumwa n’Imana kuri Akabu, kumenyesha amapfa yari agiye gutera mu gihugu ca Israyeli: "Ndarahiye Umukama muzima Imana y'Israyeli nkorera!Muri iyi myaka ntarume n'imvura bizohaba bitavuye kw'ijambo ryanje" (1Bami 17,1). Eliya ni umuntu w'Imana. Arayigamburukira na yo ikamukingira. Ayo mapfa agiye gutera ntazokwigera amushikako namba. Imana ntishobora guheba  kuko ari yo akorera. Reka twumve uko Imana ibimwemerera icese:"Va ngaho, werekeze  mu buseruko, uje kwihisha ku ruzi  Keriti rurabana n'uruzi  Yorodani. Uzonywa amazi y'uwo mugezi kandi nategetse ibikona kuzokugemurira ivyo kurya" (1Bami 17,3-4). Imana ntishobora guheba umusuku wayo igihe ayikorera atiziganya. Ico  asabwa ni ukugamburuka, ukutiganyira; ukwitanga wese atizigamye. Ivyo ni vyo Eliya yakoze maze Imana irangura  isezerano ryayo :"Aragenda, akurikiza ijambo ry'Umukama. Aragenda aguma ku ruzi Keriti rurabana n'uruzi Yorodani. Ibikona vyaza biramuzanira  umukate n'inyama mu gitondo bikamuzanira umukate n'inyama  ku mugoroba, hanyuma agashozako  amazi y'urwo ruzi"(1Bami 17,5-6).
Ntivyagarukiye  aho kuko haheze iminsi mikeyi wa mugezi warakamye niho  Imana yasubiye gutunga  umusuku wayo iciye  ku mupfakazi w’umukene atari afise n'ikintu na kimwe kiretse agafu ku rushi kari mu kebo n’utuvuta twari mu mubehe. Eliya ntiyakekeranije yaragamburukiye Imana arayizigira, hanyuma  Imana  na yo imwereka ububasha bwayo, arangura  ibidashobora gukorwa n'inguvu z'abantu. Igitangaro ca mbere Imana yerekana iciye kuri Eliya ni kurwiza (ifu n'amavuta vy'umupfakazi w'i Sarepta)
Umuhanuzi ni umuntu avuga mu kibanza c'Imana, avuga ivyo atumwe n'Imana. Ni vyo tubona mu muhamagaro canke mw'itorwa ry’abandi bahanuzi bamukurikiye. "Niho  numva ijwi ry'Umukama rivuga   riti "mbe ni nde notuma? Ni nde tworungika?"(Iz6,8). Aho tubibona neza ni ku muhanuzi Yeremiya:"Umukama anshikiriza ijambo ati: "Imbere y'uko ndakurema  mu nda y'uwakwibarutse, nari ndakuzi; utaranavuka narakwitoreye ndakugena ngo ube  umuhanuzi w'amakungu." Ndaheza mvuga nti: Nanje ngira nti:  Ha Mukama Mana! Ehe sinzi kuvuga kuko ndacari muto" Umukama nawe ambwira ati: Ntuvuga   uti: "Ndacari muto" kuko uzogenda kubo ngutumamako bose, kandi ivyo nzogutegeka vyose, uzobivuga . Ntugire ubwoba imbere y'abo ndikumwe na we  ngo ndakurokore; Ni iriyazwe n'Umukama." (Yer 1,4-8).

Ng'ivyo rero ibiranga umuhanuzi. Ntawokekeranya kwita Eliya umuhanuzi, umutumwa w'Imana. Eliya yerekana ko ari umuhanuzi aho yerekana ububasha bwinshi ko atandukanye n’abandi bahanuzi b’ikigirwamana Baari ku musozi wa Karumeri. Eliya aremeza ko ari we muhanuzi wenyene w’Umukama asigaye nayo ab'ikigirwamana Baari bakaba ari amajana ane na mirongo itatu. Eliya atandukanye n’abahanuzi ba Baari kuko asenga Imana ikamwumviriza kandi ikamwishura mu gihe ab’ikigirwamana Bahari batishuwe.
Ntarondera igitangaro ku bwiwe yamara ni ukugira ngo ishengero rimukikije ryemere  ko Umukama ari we Mana: "Mu gihe c'uguhereza ishikanwa, umuhanuzi Eliya aregera avuga ati:"Mukama, Mana ya Aburahamu, Izahaki na Israyeli, uyu musi nibamenye wewe uri Imana y'Israyeli nanje nkaba umusavyo wawe, bamenye kandi ko nakoze ivyo vyose kubw'Ijambo ryawe. N'unyishure,  Mukama n'unyishur! Maze aba bantu bamenye ko ari wewe Umukama Imana kandi ko ari wewe nyene utuma imita y'abo yisubirako." Umuriro w;Umukama urururuka urigita nkuka , za nkwi, ya mabuye , ibivu, ukamya n'aya mazi yari mu mugende. Igihugu cose kibibonye gikubita inkoro hasi kivuga kiti: Umukama ni we Mana! Umukama ni we Mana!"(1Bami 18,36-39).
Eliya ni umutumwa w'Imana, ntavuga ivyiwe ariko avuga kw'izina ry’Imana. mutumwa inywana n’uwayitumye. Hinge  tubandanye kuraba ingne Eliya anywana n'Umukama.

Eliya, ni uwuyaga n'Imana
Twabonye ibitangaro Imana yakoze iciye ku muhanuzi Eliya. Eliya rero n’aho amaze gukora ibitangaro vyinshi atanguye ubundi buzima. Ageze aho yumva ko ata co agishoboye atangura gucika intege, yibwira ko ataco arusha  canke arengeje abakurambere biwe abamubamuboneye izuba ni nako kwisabira urupfu:"Eliya yari  yagenze urugendo rw’umunsi umwe mu bugararwa, araheza rero yicara musi y'igiti yipfuza urupfu avuga ati: Ubu birakwiye! Mukama niwakire ubuzima bwanje kuko ntari mwiza kurusah basokuru banje." (1Bami 19,4). Eliya aciwe intege  n'uko ishengero ryabonye ibitangaro ariko ntirihinduke, rikabandanya gukomantaza  umutima waryo. Bibiriya  Nyeranda mu nsiguro zayo igira iti: "inyuma y'igitangaro c'akataraboneka cabereye ku musozi wa Karumeri, Eliya yari yizeye ko umwami n'abo arongoye  bahinduka bakagaruka ku Mana, amaze  kubona ko badahindutse yaciye acika intege. Eliya rero atanguye urugendo rurerure, urugendo rugana mu bugaragwa ata kintu na kimwe kihabarizwa. Umunsi umwe urakwiye kugira ngo aruhe yongere yihebure.
Nk’uko rero twigeze kubibona, Imana ntiyibagira umusavyi wayo, ni kwo kurungika umumarayika wayo kumuremesha mu gihe wewe yabona ko vyose birangiye:" Hanuma araryama aca asinzirira munsi y'ico giti.  Haza umumarayika w'Umukama  amukorako, amubwira ati:‘Vyuka urye!"Aritegereza, abona amaja ku mutwe hari agatsima gacumbwe ku mashiga  hamwe n'umubindi w'amazi; ararya aranywa aca asubira kuryama. Umumarayika w'Umukama aragaruka ubugira kabiri amukorako amubwira ati: Vyuka urye kuko ufise urugendo rurerure." (1Bami 19,5-7). Urwo rugendo ruzomara iminsi mirongo ine kugira ngo ashike  ku musozi wa Horebe aho ategerezwa kuvugana n'Umukama. Horebe ni irindi zina batazira umusozi wa Sinayi, Imana yagiriranyeko amasezerano   n’umuryango wayo iciye kuri Musa. Nkuko Umukama yeretse Musa ko ari kumwe n’umuryango wiwe, nikwo gusubira  guhumuriza Eliya amwereka ko bari kumwe mu rugendo, ko  yoreka gukekereza canke ngo yihebure. Musa ntiyashobora kubona ubukayangane bw'Umukama; Eliya na we nyene ntashobora kubona Imana imbonankubone: "Umukama avuga ati: ‘Ng'iki ikibanza hafi yanje; uozhagararakugitandara. Hanyuma ubuninahazwa bwanje nibwahaca nzoguhisah mu giandara nzokwubikako ikiganza canje  maze umbone ubw'inyuma igihe cose ndiko ndahaca." (Ihunga 33,21-22). "Umukama avuga ati "Sohoka uje guhagarara ku musozi, imbere y'Umukama." Ehe  Umukama  ahava arengana"(1Abami 19,11).
Musa na Eliya ni abantu bahambaye  Bibiriya itubwira; mbere  ubuzima  babayemwo  bumeze nk'ubusa n’ubw’Umwana w’Imana. Yezu na we nyene amaze kuvuka yarakunda kuja mu bugaragwa, mu gahinga no mu misozi. Haba mu bugaragwa, haba mu gahinga haba no mu misozi,  hose ni ahantu   umuntu ashobora guhurira n’Imana ku buryo burengeye kuko hatekanye,kandi hikinze induru z'isi. Ni ho tubona ko Yezu amaze kubatizwa yaciye aja mu bugaragwa:"Yezu ava ku nkombe ya Yorodani yuzuye Mutima Mweranda, maze ajanwa na Mutima Mwerandamu bugaragwa.”(Lk 4,1).   Musa na Eliya ni bo kandi baganira na Yezu, igihe yihinduye ukundi ku musozi wa Taboro (Mt 17,3).
Harageze igihe aho  Umukama  yerekana ko ari kumwe na Eliya. Hari uburyo bune Umukama yakoresheje kugira ngo amwereke ko bari kumwe nk’uko tubisoma  mu gitabo ca mbere cy’Abami: ‘:"mwinshi kandi w'igihuhusi, usiturua imisozi kandi usatura n'ibitandara vy'amabuye uba ari wo ubanza imbere y'Umukama. Ariko Umukama ntiyari muri uyo muyaga. Inyuma y'uwo muyaga haza nyamugigima. Ariko Umukama ntiyari muri iyo nyamugigima. inyuma y'iyo nyamugigima, haza umuriro, ariko Umukama ntiyari muri uwo muriro.  Inyuma y'uyo muriro haza akayaga gakegake gahuhera. Eliya akumvise  aca yipfuka umutamana wiwe mu maso. Arasohoka ahagarara mu rwinjiriro rwa rya senga ry'ibuye. Ni ho yumva ijwi rivuga riti: Eliya ukora iki hano?".(1Bami 19,11-13). Ivyo biratwereka neza umubonano wa Eliya agirana n'Umukama Imana mu gacerere. Ibimenyetso bitatu (inkuruma  y’umuyaga, nyamugigima, umuriro) ni ibimenyetso bihambaye umuntu wese ashobora kwibwira ko birungitswe n'Uwusumba vyose. Twovuga ko vyogereranywa ni ivyabera mu mutima  wa Eliya yari  ahunze Yezabeli, nay akayaga gakeyi  kageranywa n' amahoro y’umutima, mbere umutekano uranga umuntu wese yinjiye mu bunywanyi bw'Imana.
Eliya amaze kwumva akayaga gakeyi yumvise ijwi rimubaza riti: " Eliya ukora iki hano?" Niho yishuye ata makenga. Inyuma y’iryo jwi ntiyasubiriye gutinya kwegereza yari yaturutsemwo:" Mfitiye ubwira bwinshi Umukama Nyeningabo kuko bene Israyeli bataye isezerano ryawe, basitura icitwa uruhimbi cawe cose, bicisha inkota abahanuzi bawe, ni jewe nsigaye jenyene none bariko baraondera ubuzima bwanje ngo babunyake. "(1Bami 19,14).

Eliya n’umuryango wa Karumeri
Kuva mu kinjana ca mbere, abakuru ba Ekleziya yo mu buseruko bafashe Eliya nk'umukurambere n’akarorero k'ubuzima bwo kuba ahawenyene n’ubwa kimonaki. Abantu bose bashaka kuba mu gacerere kandi bonyene, baba  batanguriwe na Eliya umuhanuzi. Muri urwo rwego  niho tubonamwo abahanuzi bose bakurikiye gushika kuri Yohani Batista ariwe tuzi mu Bwuzure bushasha. Aho hantu Eliya yabaye ubu hitwa Wadi Ayini es-Siyahi (Wadi’ain es-Siah). Mu myaka yababa ikinjana ca cumi na gatatu ni ho abakristu baje bava mu burengero baje kuba ku musozi Karumeri.Baraheza nabo baja muri  urwo ruhererekane rukomoka ku muhanuzi Eliya. Ni bo Nikolas w’umufaransa yita‘Abavyeyi bacu’ canke 'Abatuboneye izuba'. Aho ni ho hatumye tuvuga ko, umuryango wa Karumeri woba ufise amamuko mu Bwuzure bwa Kera,  ku muhanuzi Eliya mu kinjana ca cumi na kane. Ni kuri urwo rugero  kandi rero abakarume bafatiye ko akarorero mu vyerekeye kunywana  n’Imana. Akaba ari wa abaja imbere.

Ivyo umuntu yokwigira  kuri Eliya
Igitabo ca Mwene Siraki kitwereka muri make ivyaranze Eliya. Umwanditsi aramushemeza amuhayagiza. Aratubarira mu majambo make ivyo Eliya yakoze: Umuhanyzi Eliya yaje nk'Umuriro, ijambo ryiwe rikarurumba nk'ikimuri.  Niwe yateye amapfa mu bantu, arabagabanya basigara ari imparurwa, kubera umwitwarariko yari afise. Yishimikije Ijambo y'Umukama, yarugaye ijuru, hanyuma ashungurura umuriro gatatu. Eliya we ese ukuntu watewe iteka n'ibitangaza wakoze!  Ni nde yokwishuma ngo ameze nkawe?  Wewe warakue uwapfuye mu rurpfu umukura mu kuzimu wishimikije ijambo rya Rudasumbwa.  Waratembagaje abami barahona, ukura abanyacubahiro mu cicaro c'abo. Warumvise impanuro uri ku musozo wa Sinayi,  urumva ibihano Umukama yashinze uri ku musozo Horebi. Ni wewe wasize abami amavuta kugira ngo bihore, usiga abahanuzi kugira ngo bagusubirire. Warareruwe n'igihuhusi c'umuriro, ugendera k'umukogote w'amafarasi y'umuriro. Vyaranditswe y'uko hageze ibihano, uzotururuza ishavu ry'Umukama imbere y'uko ryisuka, ugasubiza umutima w'umuvyeyi k'umwana wiwe ukanagura ibisata vya Yakobo. Hahiriwe abazokwibonera, n'abazoba bapfuye bagikunda Imana; nkako na twebwe nyene nta nkeka tuzobaho." (Siraki 48,1-11).
Aya majambo atwereka vyinshi twomwigirako ariko ivyo dushimikirako ni bibiri:
-ukurangamira Imana
-ukuba umutumwa w’Imana
a)Ukurangamira Imana
Mu gitabo c’Ubwitonzi  dusoma ngo: " Nkako ufatiye k'ubukuru n'ubiwza bw'ibiremwa, umuremyi wavyo aramenyekana."(Ubwitonzi 13,5). Eliya ni umuntu w’Imana. Naho ata kintu  na kimwe yanditse ku gisabsho, atubera akarorero  akatwigisha  gutega amatwi Imana biciye  mu gacerere k'umutima mbere gushika aho umuntu yumva ariko araganira n’uwo bakundanye bimwe bishitse atagahemo karimwo. Umuntu rero mu gisabisho ciwe co kwihweza  no mukuba umwihwezamana, ibiremwa vyose rero bishobora kumufasha guhura n’Umuremyi wiwe, akongera gusubirana rya shusho yaremanywe kuko tuzi neza ko yaremanywe  agashusho k'Imana ( Raba Amamuko1,26) ariko kubera igicumuro akaba yarataye akaranga k'Imana. Eliya atwigisha kandi kuduga  imisozi  miremire kugira ngo dushobore guhura n’Imana. Igisabisho co kurangamira gisaba ko umuntu aba yararengeye ibimubuza guhura n’Imana, akivako wese, agaheza akihweza Imana mu kwemera,  ukwizigira n'urukundo.

b) Ukuba umutumwa w'Imana
Kuba umutumwa ni ugutanga  ubutumwa uko babuguhaye ataco ukuyeko canke ngo wongereko. Eliya yatanze ubutumwa bw’Imana adatinya abo yatumweko. Ijambo ryiwe riturira nk’igicaniro kirurumba. Umutumwa ategerezwa kwama  aharanira ko Ubwami bw’Imana bukwira  hose, kwama afise ishaka  ryo kurwanira izina ry’Imana. Kuba umutumwa ni uguheba vyose ukishimira Yezu Kristu ata kindi umubangikanije. Kwemera kuba umutumwa nta kindi bisigura atari ukugurisha ivyo utunze vyose hanyuma ukegukira wese Yezu Kristu. Gufata icemezo no  kugumya ibanga ubutacisubirako.

Umusozo
Muri rusangi Bibiriya igira ico itubwira ku mateka ya Eliya, cane cane igitabo ca mbere c’Abami. Kuba Eliya atavugwako vyinshi bifise ishimikiro kuko yaje nk’umutumwa w'Imana ahanura kandi akora ibitangaza. Ntiyari  Umwana w’Imana ahubwo yari umusuku, kandi umusuku ntiyigera aruta  Shebuja. Vyababaye kugira ngo kandi ntihabe ugukekeranya.Turabona ko mu Bwuzure bushasha  abantu bamwitiranya na Yezu: "Bamwe bavuga ko uri Yohani Batisita, abandi ngo uri Eliya, abandi ngo ni  Yeremiya canke umwe mu bandi bahanuzi"(Mt 16,14). Ni co gituma Yohani Batisita we yavuga ko ari ijwi ry’uwuvugira mu bugaragwa (Yh 1,23). Ico tubona kitugora  mu minsi ya none  ni ukumenya uruhara rw'umwe umwe, n'ico ashinzwe kugira ngo ashobore kurangura ubutumwa bwiwe atabereye  abandi intambamyi.
Ubuzima bwa Eliya ni butubere akarorero  kugira ngo natwe turushirizeho gukwiza Ubwami bw'Imana dushize ubwoba kandi tuyaga ko Kristu yazutse. "Imana yo  ishobora kubaremesha kubw'Inkuru Nziza nigisha mu kuranga Yezu Kristu, muri rya banga ryahishijwe kuva kera na rindi, none ubu ryamenyekanye kandi n'ivyanditswe n'abahanuzi nkuko Imana yamaho yari yabitegetse, rikamenyekana ngo amakungu yose aze agendere   ukwemera."(Rom 16,25-26). Ese ayo majambo  ya Pawulo mweranda yotubera itara ritumurikira imisi yose n'ibihe vyose.

                                                                     Furera Selestino-Mariya MUHIRE, w'Isakramentu ryeranda Umukarume
Bihinduwe mu Kirundi na Furera Y-M Viyane SAKUBU, Umukarume

KINYARWANDA

UMUBYEYI BIKIRA MARIYA
MU MURYANGO WA KARUMELI



IRIBURIRO
Kimwe mu biranga Karumeli ni umwanya wihariye abavandimwe baha Umubyeyi Bikira Mariya mu buzima bwabo. Mu rugendo rwabo rwo gukurikira Yezu, ni Bikira Mariya bahanga amaso, bunga ubumwe na we, bakamwigiraho imigenzo myiza, ndetse bakamuha icyubahiro gikomeye.  Mu mvugo ihinnye twavuga nka Papa Lewo XIII ngo Karumeli uko yakabaye ni iya Bikira Mariya.
Umurage twahawe n’abakurambere ni kumwiga ingiro n’ingendo. Kuko icyo ubuzima bwa Karumeli busa buri muvandimwe ni ukuzirikana Ijambo rya Nyagasani amanywa n’ijoro kandi ibyo ni umugenzo waranze Umubyeyi Bikira Mariya nk’uko Mtg Luka abitubwira  (Lk 2,19.51).
Kuba abavandimwe bari muri Karumeli bafite Mariya ho Umubyeyi bibafasha kumva bari mu muryango w’abavandimwe bahuje Umubyeyi uri hagati muri bo, Umubyeyi ubumva kandi ubafitiye igishyika. Dore ko Kwiyegurira Bikira Mariya uko Karumeli ibidutoza, bigamije kudufasha kunoza urukundo Kristu yaduhayeho umurage, urukundo rw’Imana n’urukundo rw’abavandimwe. Muri iyo nzira Mariya atubereye Umubyeyi uduha urugero, ariko kandi unaduherekeza, dore ko ubuzima bwa benshi mu batagatifu ba Karumeli bubiduhamo ubuhamya.
Muri iyi nyandiko turareba aho Umuryango wa Karumeli ukomora icyo cyubahiro kidasanzwe ugenera Umubyeyi Bikira Mariya, tuze kureba uko amasekuruza yagiye ahererekanya uwo murage, by’umwihariko turebe icyo bamwe mu Batagatifu ba Karumeli bavuga kuri uwo Mubyeyi, mbere yo gusoza turagira icyo tuvuga ku Isakapulari ya Karumeli.

Amavu n’amavuko y’Umuryango wa Karumeli,
Umuryango wa Bikira Mariya.
Hari ibintu 3 byaranze umwanya Umuryango wa Karumli yahaye Bikira Mariya mu buzima bwayo: Umusozi wa Karumeli yatangiriyeho, izina ry’Umuryango wa Karumeli n’amasezerano mu Muryango wa Karumeli.  

Ku musozi wa Karumeli: Shapeli yitiriwe Bikira Mariya
Umwe mubakoze urugendo rutagatifu ku butaka butagatifu, mu gihugu cya Palesitina, mu kinyejana cya XIII hari aho atubwira iby’Umuryango w’abafureri b’abaherimiti bari bafite Shapeli nto nziza cyane yitiriwe Umubyeyi Bikira Mariya, abo bari abavandimwe ba Karumeli. Ni Umubyeyi Bikira Mariya bisunze ngo ababere umurinzi.
Mu minsi yakurikiyeho izina rya Bikira Mariya ryahawe urugo rwose rw’abo baherimiti. Kuba Shapeli yari yaratuwe Umubyeyi w’Imana ni ho abagize umuryango wa Karumeli bakuye guha umwanya wihariye Umubyeyi Bikira Mariya kuva umuryango ukivuka. Nta washidikanya ko muri iyo Shapeli harimo ishusho ry’Umubyeyi Bikira Mariya, uwo abafureri bumvaga abarebana urukundo mu buzima bari bariyemeje bwo gukurikira Kristu, bumva bari kumwe nk’uko yari kumwe n’intumwa igihe Kiliziya ivuka.

Izina ry’umuryango: Abafureri  ba Bikira Mariya wa Karumeli

Mu bitabo byose byerekana amateka y’uwo Muryango, ndetse n’Inyandiko abapapa banyuranye bagiye bandikira abakuru b’Umuryango, izina bitwaga ni Abafureri ba Bikira Mariya wa Karumeli. Iryo zina rizaba ikimenyetso cy'umushyikirano w'urukundo abafureri bari bafitiye Umubyeyi wabo Bikira Mariya kugera ubwo babona ndetse ahubwo ari mushiki wabo!

Kwiyegurira Bikira Mariya
Abo Bafureri ba Karumeli basezeranaga kwiyegurira burundu Bikira Mariya mu murimo bari bariyemeje wo gukorera Kristu Yezu ku butaka butagatifu. Nk’uko tubibona mu mateka, baravugaga bati: «ubuvugizi bukomeye Umuhire Bikira Mariya, Umubyeyi w’Imana, uwo twemeye gukurikira, kandi akaba yararagijwe n’Umuryango wacu wo ku Musozi wa Karumeli. (cf Acta del Capitolo Generale de Montpellier, Acta cap.gen., Ed. Wessels-Zimmermann, Roma, 1912, p. 7).
Kugera na n’ubu, amasezerano y’abagize umuryango wa Bikira Mariya Mwamikazi wa Karumeli, agaragaza iyo ngingo yo gukurikira Kristu biyegurira Umubyeyi Bikira Mariya. Baragira bati ”Kugira ngo mbeho mu budahemuka, numvira Yezu Kristu na Bikira Mariya, …”
Uko amasekuruza yagiye akurikirana
Uko abakurambere babyifuje bakanabibaho, abafureri, ababikira n’abalayiki bagannye umuryango wa Karumeli ntibahwemye kugaragariza urukundo n’icyubahiro ntagereranywa Umubyeyi w’Imana Umwamikazi wa Karumeli:

a. Amazina yahawe uwo Mubyeyi
Mu ntangiriro hakoreshwaga «wa Karumeli (Patronne de l'Ordre), ariko bidatinze izina ryuje urugwiro «» ryaje gutangira gukoreshwa nk’uko bigaragara mu nyandiko z’inama zakorwagano mu itegeko-shingiro, aho bagira bati «Ku bw’icyubahiro cy’Umwami wacu Nyagasani Yezu Kristu n’Umubikira, Umubyeyi w’Umuryango wa Karumeli». Cyangwa ngo «Kubera igisingizo cy’Imana n’ Umuhire Bikira Mariya, Umubyeyi w’Imana n’uwacu.» (Itegekonshingiro ryo mu 1369).
Mu ndirimbo «Rurabo rwa Karumeli» Bikira Mariya bamwita «Umubyeyi utuje» naho Yohani wa Chimineto akita uwo Mubyeyi «Isoko y’impuhwe n’Umubyeyi wacu» Kuri izo nyito zose ntitwibagirwa ko Abafureri babonaga muri Mariya «Mushiki wabo».
Ikindi Abafureri bakomeje gushimangira no kurata ni Ubusugi bw’Umubyeyi Bikira Mariya. Bityo akababera urugero rwo guhitamo no kubaho mu bumanzi, umutima urangamiye Nyagasani. Abafureri ba Karumeli ni bamwe mu bagiye bashyigikira intekerezo yo guhamya Ubutasamanywe icyaha bw’uwo Mubyeyi. Mu kubiha agaciro bambaraga igishura cyera berekana ko Bikira Mariya Umubyeyi uzira inenge ababereye Umubyeyi bakamubera abana, bakaba bagamije kwigana imibereho ye.
Abafureri ba Karumeli bahimbazaga Umubyeyi Bikira Mariya muri Litulugiya, byagaragariraga mu kwizihiza iminsi mikuru y’Umubyeyi Bikira Mariya, kumuririmbira uturirimbo mu isoza ry’amasengesho ya Zabuli agendanye na buri saha,  nyuma y’isengesho risoza umunsi bakaririmba “Turakuramutsa Mwamikazi Nyiribambe”.

b. Bikira Mariya yagaragarije Umuryango wa Karumeli ko umufiteho ubutoni
Amateka atubwira ko Bikira Mariya na We atigeze atererana abafureri ba Karumeli bari baramwiziritseho. Ni We wagize uruhare rukomeye mu kurinda Umurryango wa Karumeli cyane cyane igihe bageze mu bihugu by’i Burayi.
Igitabo kivuga abatagatifu ba Karumeli kitubwira ibya Mutagatifu Simoni Sitoki wari umukuru w’Umuryango ahashyira mu 1251, wabonekewe n’Umubyeyi Bikira Mariya akamuha Isakapulari, ikimenyetso cy’umukiro ku bazayambara bagaragaza urukundo bafitiye Umubyeyi Bikira Mariya.
Bidatinze Papa Yohani wa XXII asohora inyandiko ihamya ko Umubyeyi Bikira Mariya yamwiyeretse amusaba kurengera umuryango wa Karumeli, bityo na we akazamwitura amurengera. Icyo gihe Papa yatangaje ibyo tuvuze haruguru ko umuntu upfuye yambaraga Isakapulari kubera urukundo afitiye Umubyeyi Bikira Mariya, azakizwa igihano cya Purugatoli.
Kuva mu kinyejana cya XIV, Umuryango wa Karumeli wifuje kujya wizihiza umunsi wa Bikira Mariya Umwamikazi wa Karumeli bamamaza ingabire uwo Mubyeyi adahwema kubahunda. Bari bagamije kwibutsa ko uwo Mubyeyi ari Umurinzi wa Karumeli, kandi ko adahwema kutugabira ingabire nyinshi cyane cyane kuva ku wa 17 Nyakanga  1274, ubwo Umuryango wemerwaga ku buryo bw’agateganyo mu gihe wari ugiye kuzima.
Nyuma itariki ya 16 Nyakanga ni yo yaje gusigara mu mateka, nk’umunsi Umukurambere Simoni Sitoki yabonekewe n’Umuubyeyi Bikira Mariya. Ni kuri iyo tariki twizihizaho Bikira Mariya Umwamikazi wa Karumeli.

c. Umwanya wa Bikira Mariya mu nyigisho za Karumeli
Abafureri ba Karumeli, mu nyigisho batangaga ku Mubyeyi Bikira Mariya,  bagaragaje icyifuzo cyabo cyo gukurikiza imigenzo myiza yaranze uwo Mubyeyi. Nka Yohani Baconthorp (1294-1348) yagerageje kugereranya imibereho y’umufureri wa Karumel n’iy’uy’Umubyeyi Bikira Mariya.
Abandi nka Arnold Botius (1445-1499), yagarutse ku Burinzi bw Bikira Mariya Umubyeyi wa Karumeli ashishikariza abavandimwe kubaho babana mu bucuti bukomeye n’uwo Mubikira, bakamubera abahungu b’inkoramutima, bakemera gusangira na We byose. Umuhire Batisita Mantouan (1447-1516), mu bisigo yanditse, aririmba Umubyeyi Bikira Mariya.
Mutagatifu Tereza wa Yezu (wa Avila) avuga  ko yamenye kandi agakunda Umubyeyi Bikira Mariya kuva ari muto abitojwe na nyina Dona Beyatirisa, yabigaragazaga mu kuvuga Rozali. Nyuma aho nyina yitabiye Imana, yasabye Bikira Mariya ngo amubere Umubyeyi. Tereza ahamya kandi ko uwo Mubyeyi yamwakiriye koko kandi ko batigeze batana ubuzima bwe bwose. Ahubwo ni we Tereza avuga ko akesha ingabire yo guhinduka yagiye agira mu bihe bitandukanye.
Ariko uko yagiye akura Tereza ntiyagumye mu marangamutima gusa, ahubwo yinjiye mu mayobera y’ukwigirumuntu kwa Jambo, amayobera y’icungurwa ryacu, akazirikana ku mwanya wa Bikira Maria mu kwigira umuntu kwa Jambo, mu gihe atuwe Imana mu ihekaru, ihungira mu Misiri, agakomeza atyo kugera mu iyobera rya Pasika aho Mariya yafashije umwana we kuducungura, kugera ubwo na we yinjiye mu ikuzo.
Tereza yemeza kandi akavuga ku mugezo mwiza w’uko ko Bikira Mariya ari kumwe na Kiliziya, Umubiri Mayobera wa Kristu. Hari aho atubwira ko Bikira Mariya yabaye umukiristu wa mbere, umwigishwa wa Yezu, uwemeye gukurikira Kristu kugera ku Giti cy’Umusaraba. Bikira Mariya yigishije Tereza, kuba umukobwa wa Kiliziya, mu mubano we na Kristu. Indi migenzo twavuga Mutagatifu Tereza yatoje abakobwa be avuga Umubyeyi Bikira Mariya ni ubukene, kwicisha bugufi ndeste no gusingiriza Nyagasani ibyiza urukundo rwayo ruhora rutugaragariza.
Tereza ahamya ko ari Bikira Mariya wamushishiakarije gushinga urugo rwa mbere rwa Karumeli ivuguruye, amusezeranya kuzabimufashamo kuko ko bizahesha Yezu ikuzo. Tereza ntiyahwemye kuragiza byose uwo Mubyeyi no gushishikariza abakobwa be kumuhanga maso, agira ati «Byose biva kuri Bikira Mariya:   umwambaro, Itegeko ndetse n’amazu».
Mtg Yohani w’Umusaraba na we amateka atubwira ko yamenye Umubyeyi Bikira Mariya ari muto, ubwo yamurohoraga mu cyuzi. Aho atangiriye gutanga inyigisho, avuga Bikira Mariya afatiye ku mwanya yagize mu icungurwa rya muntu. Aduhamiriza ko Bikira Mariya yari afitanye ubumwe na Kristu, yemera gukoreshwa no Roho Mutagatifu aba atyo urugero rw’abasenga ubudahuga batakambira abavandimwe babo. Aragira ati «Mariya ni ubucece buragamiye Imana ari na bwo bwakiriye Kristu».
Abandi batagatifu ba Karumeli: Mtg Tereza w’Umwana Yezu ni we wavuze akiri muto ati «Bikira Mariya ni Umubyeyi kurusha uko ari Umwamikazi», ubwo yari amaze kumukiza indwara yari imuzahaje. Aho agereye muri Karumeli, yamuhimbiye umuvugo «ngukunda Bikira Mariya». Hari n’aho adusetsa atubwira ko Bikira Mariya yagowe kuko we nta Bikira Mariya afiteho Umubyeyi!
Isakapulari ikimenyetso cyo kwiyegurira Bikira Mariya
Tugaruke kuri SakapulariKarumeli, twabonye ko yahawe Mutagatifu Simoni Sitoki, ariko se mu by’ukuri Isakapulari ya Karumeli ni iki?
Twasubiza tuvuga ko Isakapulari ari umwambaro, umwenda wadozwe na Bikira Mariya,  ayitwambika ku ntugu aturinda ibyorezo bya roho n’iby’umubiri ariko ikaba iranga abamwiyeguriye mu Muryango wa Karumeli.

Isakapulariumwambaro
Jambo yigize umuntu, azi neza intege nke za muntu, ariko agamije kuzamura muntu ngo amugeze ku ngabire y’ubuzima nyabuzima, ubuzima bwa Nyagasani. Ibimenyetso binyuranye yakoresheje yabihaye ingabire yo kujya bikoreshwa mu gutagatifuza abamukurikiye. Twavuga nk’amazi ya Yordani ubu ashushanywa n’amazi ya Batisimu, umugati na divayi yahaye intumwa ze basangira ubwa nyuma, bishushanya Igitambo cy’Ukaristiya dusangiriramo Umubiri n’amaraso bye, …. Ibyo ni byo bimenyetso Kiliziya yasigaranye ho amasakaramentu.
Ni muri urwo rwego Kiliziya iduha n’ibindi bimenyetso bitari amasakaramentu nyir’izina ahubwo byunganira amasakaramentu bitwibutsa umuhamagaro wacu nk’abakurikiye Kirstu. Nk’uko bivugwa baha isakapulari umugisha: «Uhoraho kandi ushobora byose , washatse ko Umwana wawe yambara umubiri  wa mntu wari ugenewe ubushanguke, turakwinginze, ngo usesekaze umugisha wawe kuri uyu mwambaro abakurambere bacu bishimiraga kwambara ku bw’icyimenyetso cy’ubudahemuka n’ubwicishe bugufi, wuhe umugisha kugira ngo umugaragu wawe uzawambara azashobore kwambara Kristu ubwe.»
Twavuga ko Isakapulari itwibutsa ko muri Batisimu twambaye Kristu, uyambaye agerageza kuzirikana amasezerano ya Batisimu, noneho akisunga kurushaho ubuvugizi bw’Umubyeyi Bikira Mariya.

Isakapulari ni ikimenyetso cy’uburinzi bwa Bikira Mariya
Umwambaro wose uturinda ibyahutaza umubiri wacu: ubukonje, ubushyuhe, umuriro, icyadukomeretsa, …. N’Isakapulari na yo iturindira roho, nk’uko twabivuze haruguru, Umubyeyi ayiha Mtg Simoni Sitoki, yamwijeje ko uzapfa ayambaye atazajya mu muriro w’iteka.
Nyamara Bikira Mariya ntiyaduhaye impigi iturinda, tumaze kuvuga ko Isakapulari itwibutsa abo turi bo, ababatijwe muri Kristu, abemeye gukurikira Inkuru nziza yatumenyesheje, Tukibuka ko Urukundo ari wo murage twahawe. Isakapulari ni ikimenyetso cy’urukundo rw’Imana n’Umubyeyi wayo Bikira Mariya. Uyambaye aba yemeye kwakira iyo ntwaro ngo atsinde icyaha aho kiva kikagera dore ko ari cyo kidukura muri urwo rukundo.

Isakapulari ni icyimenyetso cy’inkomoko yacu
Isakapulari ni umwambaro wa Bikira Mariya, itwibutsa ku buryo bwayo ko turi abana b’Imana n’ab’Umubyeyi Bikira Mariya.  Mtg Pawulo, atwibutsa agaciro ka Batisimu agira ati «muri Kristu, nimwisesureho Kristu» (Ga 3,27). Nyamara ntitwambaye Kristu hejuru y’ububi bwacu ahubwo Kristu aduha kamere nshya itwinjiza muri kamere ye y’ubuzima bw’iteka. Ibyo tukabigeraho twigiramo ibyifuzo nk’ibya Kristu (,5), bityo tukagenda twishushanya na we.
Isakapulari idushishikariza kandi gusa n’Umubeyi Bikira Mariya. Nk’uko Imana yaducunguye imunyuzeho, ni na ko  ikomeza kumunyuraho itugabira ingabire zinyuranye iduha. Kandi koko neza kandi twemera ko umwigishwa wa mbere wa Yezu yabaye Umubyeyi we Bikira Mariya. Ni nde wundi wadutoza kunoza ingendo n’ingiro dukurikiye Kristu nk’Umubyeyi we Bikira Mariya?
Ku bifuza ibisobanuro birambuye twabagira inama yo gusoma agatabo «ya Karumeli» kanditswe na Karumeli.

UMWANZURO:  BIKIRA MARIYA ATWIGISHA IKI?

  • Umubyeyi Bikira Mariya tumwigiraho kubaho ubuzima burangamiye Imana, bwigana kandi bukurikiye Yezu, busabanye n’Imana n’abavandimwe. Twavuga ko uburyo Karumeli yubaha Umubyeyi Bikira Mariya bijyanye rwose n’ibyo Papa Pawulo VI avuga mu nyandiko ye Marialis Cultus n° 57:
  • Kwemera, kwakira n’ubuhanga bwo kuzirikana Ijambo ry’Imana  (Lk 1, 26-28; 1, 45; 2,19; 11, 27-28).
  • Ukumvira kw’abiyeguriye Imana, (Lk 1, 38) no kwicisha bugufi, ukoroshya ubuzima (Lk 1, 48).
  • Urukundo rwemera kwitangira abandi(Lk 1, 39-56).
  • Ufatanya n’intumwa gusenga (Intu …..).
  • Umubyeyi Bikira Mariya yikomejemo imbaraga mu gihe cy’amage, no mu bubabare. (Lk 2, 34-35. 48-49; Yn 19, 25-27).
  • Gusabana icyizere Umwana we. (Yn 2, 1-11).
  • Ubusugi bwe butigeze buseseka (Mt 1, 18-25; Lk 1, 26-38).
  • Kuba yarakurikiranye ibyabaye ku Mwana we kuva avuka ari mu kirugu kugera none aho apfiriye akaba yarazutse (cf. Lc 2, 1-7; Yn 19, 25-27) ’ibindi ….

This is the official website of the Regional Vicariate of the Discalced Carmelites in Burundi and Rwanda.
Copyright 2013 Amahoro.pl. All rights reserved. Website project: Fr. Fryderyk Jaworski, ocd

Back to content