Les Statuts Kirundi and Fr - Amahoro.pl

The Carmelite Family
Burundi - Rwanda
Go to content

Les Statuts Kirundi and Fr

Spirituality > The Scapular
AMATEGEKO Y’UMURYANGO WA SIKAPULARI Y’UMUGABEKAZI WA KARUMELI

UMURYANGO W’ABANYASIKAPULARI MU RWANDA NO MU BURUNDI

Ed. 2015
INTANGAMARARA
Imana mu gushaka kwayo, mu mugambi wayo wo gukiza abantu bose yarerekanye mu buryo butandukanye urukundo ibafitiye. Mu kurema umuntu imwishushanijeko(Amamuko 1,26) Imana yari yamugeneye gusangira ku rukundo ku bwarwo mu butatu bweranda Data  akunda Mwana ubutacisubirako muri Mutima Mweranda.Umuntu amaze gucumura mu kutubaha Imana, Imana ntiyaciye imuheba.yaramurungikiye umwana wayo w’ikinege nk’umukiza kugirango amucungure yongere amusubize mu bunywanyi bwiwe bw’urukundo. Igihe gishitse uwo mukiza yibarutswe n’umugore(Abagalati4,4) araheza asubiza umuntu wese mw’iteka ryiwe. Kandi mu gihe yariko arasozera igikorwa cari camuzanye niho yaduha Umuvyeyi wiwe(Yohani19,25-27) kugirango mu kwigana imigenzo myiza yiwe tumwigireko gukora ivyo umwana wiwe atubwira(Yohani2,5).
Karumeli n’Umuryango w'abihebeye Imana,ubuzima bwawo bushimikiye k’ukwihweza Kristu n’ukuninahaza Umuvyeyi wiwe.Abihwezamana bambere babaye k’umusozi Karumeli mu kinjana ca 12 na 13 bisunga Yezu-Kristu bakingiwe n’Umuvyeyi Bikira Mariya.Mu nyubakwa babamwo ku musozi wa Karumeli barazirikana ijoro n’umutaga ijambo ry’Umukama bihweza igikorwa Imana yaranguye bisunze ivyabereye kuri uwo musozi Karumeri na cane cane ubutwari n’ubweranda vyaranze umuhanuzi Eliya, bashaka kwihweza Imana nyeranda kandi y’ukuri. Vyongeye  agacu kaduga kunkengera z’ikiyaga(1Abami18,44)nk’umutwenzi uzobabera nk’ishurwe ryameze mu murima w’Imana ariwo Karumeli. Nico gituma kuva ico gihe gushika ubu Karumeli uko yakabaye ni iya Mariya.
Abihwezamana bambere bo ku musozi Karumeli bahimbarwa n’ukwitwa «Abafurera b’Umuhimbazwa Bikira Mariya wo ku musozi Karumeri»Umubikira bigiyeko kuzirikana ivyabaye n’ukubizigama mu mitima yabo nk’uko nawe yabigize(Luka2,19.51).
Kubera ibihuhusi vyinshi vyabashikiye bashimye kuva kw’isi nyeranda bahungira i Buraya. Aho hantu hashasha bari bimukiye vyarabagoye kuhamenyera,abafurera barahagiriye intege nke n’Umuryango nyene utangura kuzimangana. Ku bw’igisabisho c’uwari umukuru wawo ico gihe(Simoni Sitoki)Bikira Mariya yaramubonekeye amwemerera ko igisabisho ciwe cumviwe abafasha kugumya ikibanza muri ivyo bihe bitari vyoroshe. Bikira Mariya aca abaha Isikapurari nyeranda nk’ikimenyetso kiboneka c’inkinzo y’Umuvyeyi.
Abakuru b’Ekleziya baremeje agaciro k’ico kimenyetso, ko atari umwambaro usanzwe w’inyuma gusa ariko ari ikimenyetso kimenyesha ko Umuvyeyi ari kumwe nabo ari naco kibashira mu kinyegezwa c’urukiza rw’Umwana wiwe. Isikapurari iri n’agaciro mu vy’umutima, hambavu y’uko idukiza umuriro udahera iratwereka ko kubw’ibatisimu twiyambitse Kristu kandi ko tukiri ngaha kw’isi dusangiye ubuzima nawe. Ni vyo aberanda bose ba Karumeli bategereye neza kuva kuri Simoni Sitoki gushika n’ubu biciye kubavuguruye Karumeli mu kinjana ca17, Tereza wa Yezu na Yohani w’Umusaraba.
Iryo tunga rya Karumeli, iyo ntabonwa inyegeje mu murima Karumeli ntiyagenewe abakarume n’abakarumerita gusa babayeho muri ubwo buzima bwa  Karumeli nk’abihayimana n’abihwezamana. Hambavu y’iyo migwi ibiri hariho n’abakristu b’abalayike biyemeza mu buzima bwabo kubaho nk’uko Inkuru Nziza ibisaba,mu bworo, mu bugamburutsi n’ubwerentegerwa nk’uko itegeko rya Karumeli ribivuga kumwe n’inyigisho zakurikiye z’aberanda ba Karumeli; gutyo rero abafurera,abihwezamana n’abalayike bose hamwe bagize Umuryango umwe wa Karumeli ugizwe n’amashami atatu.
Iryo tunga ry’umutima ntiryagenewe abari mu Muryango wa Karumeli gusa hari Imiryango myinshi y’abihebeye Imana n’iy’abihwezamana hamwe n’imiryango irangura ubutumwa butandukanye yisunga akarangamutima ka Karumeri. Karumeli rero n’Umuryango wagutse aho bose bavoma kw’isoko rimwe umuryango wose ukavoma ivyo ukeneye.
Mu gusozera, ku buryo buramvuye Karumeli, irakira nk'Umuvyeyi  abakristu bose bunze ubumwe nayo biciye mu kwambara Isikapurari. Abo rero kubw’ubuzima barimwo, imibereho n’imirimo itandukanye bajejwe  barahimbarwa no kuba mu muryango wa Karumeli mu gusangira  n’Umuryango iyo uva ukagera ingabirano z’umutima zijanye n’Isikapurari.
Biranezereye cane gushobora kwerekana aya mategeko atunganya akongera akubaka Umuryango wa Karumeli. Mu vy’ukuri, abafurera b’abakarume bakorera mu Burundi no mu Rwanda barabana akanyamuneza n’umwitwarariko mwinshi iryo sinzi ry’abantu biyeguriye Bikira Mariya biciye kw’Isikapurari. Nico gituma tumaze kwihweza ivyo abakristu bakeneye mu vy’umutima na cane cane mu mwitwarariko wo gutunganya ku rugero rumwe imigirwa n’amasabo yisunga akarangamutima ka Karumeli n’inyigisho y’Ekleziya, tubahaye  ayo mategeko azobasha kubona ivyo kwisunga n’ugukura ibiza kwivangamwo bidakenewe. Turizera ko ayo mategeko azofasha abambaye Isikapurari bose n’abo bose bafise umwitwarariko wo kumenya akarangamutima ka Karumeli n’ugukurikira cane cane Umukama wacu Yezu Kristu k’urugero rw’umwe wese bivanye n’ingabirano ziwe.
Umuvyeyi Bikira Mariya we mwamikazi n’ubwiza bwa Karumeli n’adusabire twese imisi yose kandi atunywanishe ku musi ku musi n’Umwana wiwe.
                       Vyemejwe ku wa14 Myandagaro
                                                                                                               Patiri Frederiko Jaworski,ocd
                                                                                            Aserukira Umukuru w' Intara ya Karakoviya (Délégué provincial)


MATEGEKO AGENGA ABARI MU MURYANGO W’ISIKAPULARI Y’UMUGABEKAZI WO KU MUSOZI KARUMELI MU RWANDA NO MU BURUNDI

Muri rusangi
1  Umuryango w’Isikapurari y’Umugabekazi wa Karumeli witwa kandi Umuryango wa Sikapurari, ni Umuvukano w’abakristu balayike barondera kuba kuri iyi si mu rukundo rw’ukuri nk’uko amategeko y’Umuryango w’abakarume abivuga, mu gusangira ubuzima n’ivyiza vy’umutima, mu guhuza ivyiyumviro, ivyipfuzo n’ibikorwa na Bikira Mariya.
2  Umuvyeyi Bikira Mariya wa Karumeli niwe muvunyi w’uwo Muryango.Umusi  mukuru cane wamuhariwe ukaba uhimbazwa kw’igenekerezo rya 16 Mukakaro.Uwo musi abagize Umuryango  bawuhimbaza mu rukundo ntangere bakanasubira kwiyegurira Bikira Mariya kandi bongera basabira Umuryango wose wa Karumeli.
3 Umuntu afise ububasha bwo gutanguza Umuvukano mushasha ni umukuru w’Umuryango w’abakarume. Mu gihe ari isengero yegukira uwo Muryango uruhusha rwo gutanguza umubano rutangwa n’uwurongoye aho hantu; urwo ruhusha ruba rurimwo ibisabwa bikwiye vyo gutanguza umuvukano. Mu gihe naho ari irindi sengero birakenewe ko haba hatanzwe uruhusha rwanditswe n’umwungere wa Diyoseze.
4 Ubuyobozi bw’intara y’abakarume ya Karakoviya buriyemeje kwitwararika imiryango ( Imivukano) y’isikapurari iri mu ma Diyoseze y’Uburundi n’Urwanda.
5 Imigenderanire iri hagati y'imivukano y’Isikapurari n’Umuryango w’abakarume ibungabungwa n’ibi bikurikira:
Uguhwana rimwe mu mwaka ku rwego rw’igihugu ikibeho mu Rwanda no mu Burundi i Gitega mu  mubano wacu wo kwiherera ku wa gatandatu wa mbere ukurikira umusi mukuru cane wa Bikira Mariya Umugabekazi wa Karumeli.
Rimwe mu myaka itatu uwuserukira  umukuru w’Intara ya Karakoviya aragira urugendo rw’ubutumwa ku miryango y’Isikapurari. Indongozi itegerezwa gutunganya imyiherero n’ukwinagura kw’indemesha z’imiryango ya Sikapurari.
6 Amategeko y’Umuryango yemejwe n’uwuserukira umukuru w'Intara ya Karakoviya abanje kubaza abahanuzwajambo biwe.

                                
IKIGABANE CA MBERE
Intumbero y’Umuryango w'Isikapurari
7.  Intumbero y’umuryango w’Isikapurari ni iyo gufasha umunywanyi wese gutera imbere mu bweranda yisunze akarangamutima ka Karumeri uwo ukaba ari n’umuhango w’umukristu wese w’umulayike.
8. Abagize umuryango baratumiriwe  kuba mu bunywanyi n’Imana nka kurya kwa Bikira Mariya babicishije mu gisabisho, babwirizwa gutera imbere muri ico gisabisho kibe ica misi yose ngo giherekeze ubuzima bwabo bwa misi yose kandi congere gikomeze umuntu mu kurangura ivyo  ashinzwe.
9. Abanywanyi b’Umuryango bashemeza Umuvyeyi Bikira Mariya mu kuzirikana ubuzima bwiwe, mu kwigana ingeso nziza ziwe, mu kumenyesha hose amasabo ya Bikira Mariya no mu gukundisha abandi Umuvyeyi Bikira Mariya.
10. Umuryango w’Isikapurari uriyemeza gukora ubutumwa nk’uko bitunganijwe mu nama nkuru ya Vatikano ya kabiri mw’itegeko ry’ubutumwa bw’abalayike, bafatiye ku kuntu bisanzwe bitunganijwe neza mu butumwa bw’Abakarume. Ubutumwa nderamutima n’ubw’Isikapurari ni ngombwa burakundwa. Hambavu y’ivyo mu gihe bishoboka abagize Umuryango bariyemeza kuja mu butumwa butandukanye bwa Paruwase.

IKIGABANE CA KABIRI
UKO UMURYANGO WA SIKAPULARI UTUNGANIJWE
11.Umuryango utunganijwe uku gukurikira:  
• Indogozi (Modérateur)                                                
• Indemesha( Animateur)
• Icegera c’indemesha (vice-animateur)
• Umwanditsi( Secrétaire)
• Umushinguzi (Trésorier)
12.  Indongozi(Modérateur)
Kw’isonga ry’Umuryango w'Isikapurari hari Indongozi, ku miryango yashinzwe hafi y’imibano y’abakarume indongozi n’umukuru w’umuryango; ku yindi naho ni patiri mukuru wa paruwase.  Muri ubwo buryo bubiri bwose hashobora kuba uwuba yaragenywe na Patiri mukuru w'Umuryango canke na Patiri mukuru wa Paruwasi.
Indongozi irafise uburenganzira bwo kwakira abantu mu muryango w’Isikapurari (20-23) niwe ajejwe kuraba uko umuryango ukora n’uguha inyigisho abanywanyi b’Umuryango (27) mu makoraniro y’inyigisho no mu mahwaniro ya buri kwezi nk’uko vyateguwe n’uwuserukira umukuru w'Intara ya Karakoviya. Indongozi itegerezwa kuremesha amahwaniro y’ugusenga mu gushemeza Bikira Mariya.
Indongozi niyo yemeza itorwa ry’indemesha y’umuryango (13) n’icegera ciwe kumwe n’abandi baba batorewe amabanga atandukanye mu muryango (17) .
Mu rugendo rw’ubutumwa rw’uwuserukira Umukuru w'Intara, uwurongoye umuryango arerekana icegeranyo c’ibikorwa n’ubuzima bw’umuvukano hamwe n’igitabu canditsemwo abahurikiye muri uwo muvukano.
Indongozi irafise uburenganzira bwo kwirukana umunywanyi w’umuryango (24-27). Indongozi irafise ikidodo (18) .!!!!
13 Indemesha (Animateur)
Indemesha itorwa n’abanywanyi b’umuryango na benshi mu baraho akarangura ubwo butumwa mu kiringo c’imyaka itatu. Iryo torwa ritegerezwa kwemezwa n’indongozi.
Ibikorwa vy’indemesha: kuremesha  no gutunganya ibikorwa bisanzwe vy’umuryango afashanije n’icegera ciwe kandi yahawe uruhusha n’indongozi.
Mu rugendo rw’ubutumwa rw’uwuserukira umukuru  w'intara ya Karakoviya  (5) indemesha hamwe n’icegera barerekana uko umuryango umeze. Indemesha iragena abazokora ibikorwa no mu migambi bizotunganywa n’umuryango. Indemesha itegerezwa kwitaba umwiherero watunganijwe n’uwurongoye  intara y’ubutumwa kugira baremeshe imiryango ya Sikapurari.
14  Icegera c’indemesha ( vice-animateur)
Icegera c’indemesha gitorwa n’abagize umuryango na benshi mu baraho akarangura ubwo butumwa mu kiringo c’imyaka itatu. Iryo torwa ritegerezwa kwemezwa n’Indongozi. Ategerezwa kwitaba umwiherero watunganijwe n’Indongozi kugira baremeshe imiryango y' Isikapurari.
15 Umwanditsi ( secrétaire)
Umwanditsi atorwa n’abagize umuryango na benshi mu baraho akarangura ubwo butumwa mu kiringo c’imyaka itatu. Iryo torwa ritegerezwa kwemezwa n’Indongozi.
Igikorwa ciwe ni ico kwandika ibihe bikuru bikuru kumwe n’ibiba vyaranguwe mu buzima bw’umuryango n’ukwuzuza k'umusi k'umusi mu gitabu c’umuryango. Mu rugendo rw’ubutumwa rw’uwuserukira umurkuru w'intara  ya Karakoviya  umwanditsi arerekana uko umuryango ubayeho akerekana n’igitabu c’umuryango.
16 Umushinguzi ( trésorier)
Umushinguzi atorwa n’abagize umuryango na benshi mu bari aho akarangura ubwo butumwa mu kiringo c’imyaka itatu. Iryo torwa ritegerezwa kwemezwa n’Indongozi.
Igikorwa ciwe ni ico kwegeranya intererano zitanzwe n’abanywanyi k’urugero rw’umwe umwe kugira ngo  umuryango ubandanye ukora neza wongere urangure ivyo ushinzwe arongera kandi akabungabunga ivyo yabikijwe atibagiye no gutegura icegeranyo c’ikoreshwa ry’uburyo.
17 Bivanye n’ivyo umuryango ukeneye birashoboka ko hagenwa abandi  bafasha mu butumwa kugira ngo umuryango ubandanye umera neza.
18 Umuryango urafise ikidodo.
19 Umubano wotegerejwe kuba ufise ibitabu bizwi: igitabu kirimwo urutonde rw’abanywanyi b’umuryango n’igitabu kirimwo ibiraba umuryango.

IKIGABANE CA KANE
IBISABWA MU KWEMERERWA MU MURYANGO
20 Kugira ngo ushobore kuba umunywanyi w’umuryango wa Sikapurari utegerezwa kuba uri umukatorika abigendera kandi yaraganiye afise ugushaka kw’ukurangura ibisabwa umunywanyi w’umuryango.
21 Uburenganzira bwo kwakira umunywanyi bufiswe n’Indongozi y’intara y’ubutumwa n’uwa karere canke umupatiri yagenwe na patiri mukuru w’Umuryango wa Karumeri(Umwibutsamana).
22 Mu kwakirwa mu muryango haba umugirwa wo kwambikwa Isikapurari nk’uko vyemejwe n’icicaro gikuru ca Ekleziya. Umugirwa wo kwambikwa Isikapurari ubwirizwa kwemezwa n’iyandikwa mu gitabu c’umuryango ry’izina, iritazirano, itariki y’amavuka, aho uba n’itariki winjiriyeko mu muryango.
23 Ukwakirwa mu muryango biba ku musi mukuru w’igenekerezo rya 16 mukakaro canke mu kindi kiringo cose gishinzwe n’abarongoye umuryango.
24  Ukuba mu muryango bihagarara:
-Iyo umunywanyi yandikiye Indongozi ikete ryo kumenyesha ko avuye mu muryango.
-Iyo indongozi yirukanye umunywanyi mu kumuha ikete.
25 Uwurongoye Umuryango w'Abakarume canke uwumuserukira mu Burundi  arashobora gufata ingingo yo kwirukana umunywanyi mu gihe: Umunywanyi anebaguye ukwemera kwa Ekleziya Katorika, mu gihe agize ibikorwa vyonona umuryango no mu gihe arenze amategeko y’umuryango. (Hobanza kuba ibihe vyo kugendera uyo munywanyi mu kumuha impanuro bakurikije  ubwitonzi, urukundo n'ikigongwe .Vyoba  vyiza babanje guhoyahoya umunywanyi mu kumugabisha.)

IKIGABANE CA GATANU
IMIHANGO Y’ISIKAPURARI N’UBURENGANZIRABW’ABANYAMURYANGO
26  Imihango yahawe abambaye Isikapurari:
-Uwupfuye yambaye isikapurari ntazoturirwa n’imbeya z’umuriro udahera.
-Uwambaye Isikapurari nk’umukunzi wa Bikira Mariya arakingirwa n’uwo Muvyeyi amasanganya y’umutima n’umubiri na cane cane  mu gihe c’ugupfa.
-Uwambaye isikapurari akazigama ubwerentegerwa mu buzima bwiwe yisunze umutigiri w'ubuzima rukristu arimwo azovanwa mw’ipurugatori ku wa gatandatu ukurikira urupfu rwiwe.
-Uwambaye Isikapurari afitaniye ubunywanyi n’Abakarume n’abakarumelita kandi basangiye n’ivyiza vy’umutima mu buzima bwiwe n’inyuma y’urupfu: ku bw’imisa, ugusangira, ukwibabaza  n’indurujensiya, amasengesho n’ukwisonzesha…
27 Abagize umuryango barafise uburenganzira bwo gufashwa mu vy’umutima n’indongozi ngo bashobore gusangira ubuzima n’ibikorwa vy’umuryango. Barafise uburenganzira bwo gufashwa cane cane mu vy'umutima n'Uwuserukira Umukuru w'Intara ya Karakoviya.
28 Abanywanyi b’umuryango barashobora kuronka indurujensiya ya rwose ariko babanje ( kwirega,gusangira,gusabira Papa n’umwidegemvyo mu mutima mu kwirinda igicumuro cose) mu bihe bikurikira:
-Umusi wo kwinjira mu muryango wa Sikapurari.
-Umusi mukuru w’ukwibuka Simoni Stoki kw’igenekerezo rya 16 Rusama.
-Ku musi mukuru cane wa Bikira Mariya Umugabekazi wa Karumeri kw’igenekerezo rya 16 Mukakaro.
-Ku musi mukuru w’umuhanuzi Eliya kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro.
-Ku musi mukuru wa Tereziya w’Umwana Yezu mweranda kw’igenekerezo rya1 Gitugutu.
-Ku musi mukuru cane wa Tereza wa Yezu mweranda kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu.
-Ku musi mukuru w’aberanda bose ba Karumeli kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo.
-Ku musi mukuru cane wa Yohani w’umusaraba mweranda kw’igenekerezo rya 14 Kigarama.
29Abagize umuryango bari n’uburenganzira bwo kwambara Isikapurari nini canke ikanzu yera y’umuryango( akajabitugu)  bivanye n’imigenzo y’aho baherereye na Paruwase barimwo mu bihe bikurikira:
-Mu mahwaniro ya liturujiya y’umuryango.
-Mu ngendo nyeranda za liturujiya zatunganijwe na paruwase.
-Ukwambara ivyo bimenyetso biboneka  uri ahatari mw’i Paruwase utegerezwa kuba wabimenyesheje Indongozi.
30 Abagize umuryango baranguye neza ibitegerezwa vy’umuryango bari n’uburenganzira bwo guhambwa bambaye iskapurari nini canke ikanzu ( akajabitugu)

IKIGABANE CA GATANDATU
IBITEGEREJWE ABANYAMURYANGO
31Abagize umuryango barategerezwa gufata akanya ko guhura n’umukama mu gisabisho, bagahabwa kenshi Ukaristiya, bagasenga kandi bakoresheje amazaburi, bakavuga ishapure. Bategerezwa kwihereza Umuvyeyi Bikira Mariya kugira  ngo abakingire mu buzima bwabo bwa misi yose,bakamushikiriza kenshi udusabisho tuvuye ku mutima.
32 Abagize umuryango bambarana urukundo imisi yose isikapurari nk’ikimenyetso c’uko biyeguriye Bikira Mariya wa Karumeli. Isikapurari igizwe n’udupande tubiri tw’impuzu y’ibara ry’umukugutu dufatanijwe n’utugozi tubiri. Iyo umuntu yamaze kwambikwa Isikapurari arashobora kuyisubiriza n’umudari.  Ku ruhande rumwe rw’umudari hariko umushaha wa Yezu ku rundi ruhande hariko Bikira Mariya wa Karumeli. Mu gihe izo sikapurari  zaheze zisubirizwa ata migirwa yo kwambikwa n'iyo guhezagira ihabaye.
33  Abanyamuryango baritaba amanama atunganijwe n’umuryango niho bahurira hamwe kandi bakagira umuvukano. Niho bakomerera mu karangamutima ka Karumeri,bakamenyana, bakitanaho mu kumenya ivyo abanyamuryango bakeneye bisunze akarorero ka Bikira Mariya.  Amanama yisunga ibi bikurikira:
- Gushemeza Bikira Mariya mu Nkuka ya Misa ya Bikira Mariya wa Karumeli canke mu  bisabisho vy’urukundo, mu ndirimbo z’ugushemeza Umugabekazi,….
-Kwinagura mu karangamutima ka Karumeli mu manama y’inyigisho.
-Guhimbaza aberanda b’i Karumeri.
-Gufashanya n’abavukanyi nk’uko Bikira Mariya yabiduhayeko akarorero.
- Gusabira abapfuye bo mu muryango wa Sikapurari.
34 Mu kwitegurira umusi mukuru cane wa Bikira Mariya wa Karumeli abanyamuryango umwe ukwiwe canke bari hamwe baragira igisabisho c'imi icenda ikurikirana (neuvaine)
35 Kuri uwo musi mukuru cane abanyamuryango barategura Inkuka y’Imisa.
36 Ku wa gatandatu ukwirikira igenekerezo rya 16 Mukakaro umuryango uraja mw’ihuriro riba ku rwego rw’igihugu ryatunganijwe n’Umwibutsamana, rikabera i Gitega mu Burundi n’i Kibeho mu Rwanda.
37 Abanyamuryango baraterera umuryango bivanye n’uburyo bw’umwe umwe mu bikorwa vy’umuryango.
38 Umuryango urakorana n’iyindi mihari ya Ekleziya Katolika.
39 Ibi bimenyeshejwe aho haruguru birategerezwa kurangurwa ariko ukubirengako si igicumuro.


ABIBUTSAMANA B’IMIGWI YA SIKAPURARI

BURUNDI
Patiri Yohani- Mariya Vianney.SAKUBU,OCD
Ikigo c'Ukwiherera
Agasandugu k'amakete D. Sp. 19 Bujumbura
Tél +25779166639 ;76330456
Email :vianneysakubu@rocketmail.com

RWANDA
Patiri Yohani  Kolode NDATIMANA,OCD
Inzu y'irerero Muvyeyi wa Karumeli (MATER CARMELI) i BUTARE
Tél :+250252530465 ;0785027182
Email : ndatimanajem@yahoo.fr

AHANDI MUSHOBORA KURONDERERA ABAKARUME MU RWANDA
                       NO MU  BURUNDI

Paroisse Musongati (Burundi
Bujumbura imbere ya Catederare  Umugabekazi w'Isi (Regina Mundi)
Paroisse Gahunga (Rwanda)

Bihinduwe mu Kirundi na Furera Y-M Viyane SAKUBU, w'Umugabekazi w'i Rozari Umukarume
Les Statuts

de la Fraternité du Scapulaire de Notre Dame du Mont Carmel
de la Délégation Provinciale des Carmes Déchaux
au Burundi-Rwanda


Inroduction

La divine providence, dans son dessein de sauver tous les hommes, a manifesté de diverses manières son amour pour les hommes. En créant l’homme à son image et à sa ressemblance (Gn 1, 26), Dieu le destinait à participer à la communion d’amour par laquelle, au sein de la Très sainte Trinité, le Père aime éternellement le Fils dans l’Esprit-saint.
Après le péché dû à la désobéissance de l’homme, Dieu ne l’a pas abandonné. Il lui a envoyé son Fils unique comme Sauveur pour le racheter et le réintroduire dans sa communion d’amour. Ce Sauveur, qui est né de la femme à la plénitude des temps (Ga 4, 4), rétablit chaque homme dans sa dignité filiale. Et, au moment où il accomplissait jusqu’au bout sa mission, il nous a donné sa mère (Jn 19, 25-27) afin que, en imitant ses vertus, nous apprenions d’elle à faire tout ce que son Fils nous dit (Jn 2, 5).

Le Carmel est une famille religieuse qui est particulièrement consacrée à la contemplation du Christ et au culte de sa mère. En effet, les premiers ermites qui vécurent au mont Carmel, dans le tournant des XII e et XIII e siècles, se sont  placés sous «dépendance de Jésus-Christ» et sous la protection de la Vierge Marie. Dans les cellules aménagées au mont Carmel,  méditant «et nuitParole du Seigneur »  et contemplant l'action de Dieu à travers les événements qui ont marqué le mont Carmel, surtout le souvenir du zèle et de la sainteté du prophète Elie, ils ont voulu contempler le Visage du Dieu saint et vrai. En même temps, dans le petit nuage qui se lève du côté de la mer (1 R 18, 44), ils ont entrevu, comme l'annonce d'une aurore très proche, celle qui deviendrait pour eux la fleur qui a poussé dans le jardin de Dieu qu'est le Carmel. C'est pourquoi, dès ce moment jusqu'à nos jours, le Carmel est tout entier marial. Ainsi, les premiers ermites du mont Carmel seront  fiers d'être appelés «frères de la Bienheureuse Vierge Marie du Mont Carmel», Vierge de qui ils apprendront à méditer tous les événements et à les garder dans leur cœur, comme elle le fit elle-même (Lc 2, 19.51).

Cette fierté est devenue plus profonde, lorsque, à cause des aléas du temps et de l’histoire, ils durent quitter la Terre Sainte pour s’installer en Europe. Là, à cause des problèmes d’adaptation au nouveau contexte, les frères se sentirent faibles et l’Ordre lui-même leur sembla fragile et menacé de disparition. Mais en réponse à la prière filiale, insistante et confiante de celui qui était le Père Général (Simon Stock), la Vierge Marie lui apparut et promit d’exaucer leur prière, en les aidant à tenir leur place dans cette situation qui était sans issue. Elle leur remit le saint Scapulaire, comme un signe visible de sa protection maternelle.

Ce signe, dont l’authenticité et la valeur théologique furent approuvées par les autorités ecclésiastiques, n’était pas seulement un simple vêtement extérieur, mais une expression  de la présence de Notre Dame à leurs côtés, présence qui les introduisit dans le mystère du salut accompli par son Fils. La valeur spirituelle du scapulaire, par delà la délivrance de la mort éternelle, indique déjà, que par le baptême, nous avons revêtu le Christ et que nous participons dès ici-bas à sa vie divine. C’est ce que tous les saints du Carmel ont bien compris, depuis saint Simon Stock jusqu’à nos jours, en passant par les réformateurs du Carmel au XVI e siècle, sainte Thérèse de Jésus et saint Jean de la Croix.

Cette richesse du Carmel, ce trésor qui se trouve caché dans le jardin du Carmel, n’est pas réservé uniquement aux carmes et aux carmélites, qui vivent cet esprit en tant que religieux et moniales. En plus de ces deux branches, il existe des fidèles laïcs qui, tout en gardant leur statut de séculiers, s’engagent à vivre les conseils évangéliques de pauvreté, de chasteté et d’obéissance selon la Règle du Carmel et à la suite des enseignements des saints du Carmel. Ainsi, les frères, les moniales et les séculiers constituent ensemble l’unique et même Ordre du Carmel en trois branches.

La richesse spirituelle du Carmel n’est pas non plus réservée à l’Ordre du Carmel. Nombreuses sont les familles religieuses, des Instituts Séculiers et des Sociétés de Vie Apostoliques qui sont affiliées ou s’inspirent du Carmel. Avec ces derniers, l’Ordre du Carmel est une famille très large, dans laquelle tous  puisent à la même source selon les spécificités propres à chaque famille particulière.

Enfin, de façon plus élargie encore, le Carmel reconnaît en sa famille tous ces fidèles qui lui sont unis par le port du scapulaire. Ces derniers, au milieu des engagements de ce monde, au milieu des préoccupations familiales et professionnelles, témoignent de leur joie d’appartenir à la famille du  Carmel, en participant aux grâces spirituelles liées au scapulaire et à l’Ordre tout entier.

C’est une très grande joie donc, de pouvoir présenter à ces fidèles les présents Statuts qui organisent et structurent leur appartenance à la Famille du Carmel.

En effet, les frères carmes qui œuvrent au Burundi et au Rwanda considèrent avec une grande joie et avec reconnaissance toute cette foule immense de fidèles qui sont dévoués à la Vierge Marie par le scapulaire. C’est pourquoi, après avoir observé les besoins spirituels de ces fidèles, et surtout dans le souci d’uniformiser les pratiques et les dévotions selon l’esprit même du Carmel et l’enseignement de l’Eglise, nous leur offrons ce document qui permettra de fixer des repères et évitera des improvisations inutiles. Nous espérons que les présents Statuts aideront tous ceux qui portent le saint scapulaire et tous ceux qui s’intéressent au Carmel  à mieux connaître la spiritualité du Carmel, et surtout à suivre le Christ notre Seigneur, chacun suivant la grâce de son état.

Que la Vierge Marie, Reine et Beauté du Carmel, intercède toujours pour nous tous et nous conduise chaque jour dans l’intimité avec son Fils.


Généralités________________________________________________________________________________________________________

1. La Fraternité du Scapulaire de Notre Dame du Mont Carmel, appelée aussi Fraternité du Scapulaire, est une association des fidèles qui cherchent à vivre dans le monde l'amour parfait, selon l'esprit de l'Ordre des Carmes Déchaux, en participant à sa vie et à ses richesses spirituelles par l'union de pensées, de désirs et d'actes à la Vierge Marie.
2. La Vierge Marie du Mont Carmella Patronne de la Fraternité; la fête  patronale de la Fraternité est le 16 juillet, la Solennité de Notre Dame du Mont Carmel. Les membres de la Fraternité vivent ce jour avec une grande reconnaissance dans l'amour en renouvelant leur engagement au service de la Vierge Marie et en priant pour toute la Famille Carmélitaine.
3. La Personne compétente pour l'érection d'une nouvelle fraternité est le Préposé Général de l'Ordre des Carmes Déchaux. Dans le cas d'une église qui appartient à l'Ordre, la permission donnée par l'Ordinaire du lieu pour fonder le couvent contient aussi les compétences de pouvoir ériger la Fraternité. Dans le cas d'une autre église, il est nécessaire d'avoir une permission écrite de l'évêque du diocèse.
4. La Délégation Provinciale des Carmes Déchaux de la Province de Cracovie s'engage à prendre soin des Fraternités présentes dans tous les diocèses du Burundi et du Rwanda.
5. Les liens entre les Fraternités et l'Ordre peuvent être entretenus par les moyens ci-dessous:
Une rencontre annuelle au niveau national au Rwanda à Kibeho, au Burundi à GITEGA dans notre Maison de spiritualité, le  premier samedi après la Solennité de Notre Dame du Carmel.
Une fois par triennat, le Modérateur désigné par le Délégué provincial fera une visite pastorale des Fraternités.
Le Modérateur doit organiser des retraites et récollections pour les animateurs des Fraternités.
6. Les statuts de la Fraternité sont approuvés par  le Père Délégué avec le consentement du Conseil de la Délégation.

Chapitre I
Objectifs de la Fraternité__________________________________________________________________________________________

7. Le but de la Fraternité est de permettre à chaque membre de progresser dans la sainteté selon l'esprit du Carmel et selon la vocation chrétienne d'un fidèle laïc.
8. Les membres de la Fraternité sont invités à vivre la communion avec Dieu à l'exemple de la Vierge Marie par une prière approfondie. Ils doivent progresser dans cette prière pour qu'elle devienne permanente, qu'elle accompagne la vie quotidienne et qu'elle fortifie la personne dans l'accomplissement de ses devoirs d'état.
9. Les membres vénèrent la Vierge Marie, en méditant sa vie, en imitant ses vertus, en répandant le culte marial et en aidant les autres à aimer la Vierge Marie.
10. La Fraternité s'engage dans l'apostolat selon les Directives du Décret sur l‘Apostolat des laïcs du Concile Vatican II, en tenant compte de la spécificité de l’apostolat carmélitain. L’apostolat de la vie spirituelle et du scapulaire sont des formes de préférence. A part cela, autant que possible, les membres de la Fraternité s’engagent dans les formes d’apostolat en faveur de la communauté paroissiale.

Chapitre II
Structure de la Fraternité_________________________________________________________________________________________

11. La structure de la Fraternité se présente ainsi:
Modérateur
Animateur
Vice-animateur
Secrétaire
Trésorier
12. Modérateur
A la tête de la Fraternité il y a le Modérateur. Dans les fraternités fondées auprès des maisons carmélitaines, le modérateur est le Supérieur; dans d’autres, le Curé de la paroisse. Dans chacun de ces cas, il peut y avoir un prêtre désigné par eux.
Le Modérateur a le droit d’admettre les personnes à la vie de la Fraternité (20-23); il est responsable du fonctionnement de la Fraternité, et en particulier de la formation spirituelle de ses membres (27), à travers les conférences spirituelles prêchées au cours des rencontres mensuelles, conformément aux lignes directrices préparées par le Modérateur Provincial; il devrait animer les rencontres de la prière en l’honneur de la Vierge Marie.
Le Modérateur approuve le choix de l’Animateur de la Fraternité (13) et de son vice-animateur, ainsi que les personnes proposées aux autres fonctions de la Fraternité (17).
Au cours de la visite pastorale du Modérateur Provincial (5), le Modérateur de la Fraternité présente le compte-rendu de la vie et des activités de la Fraternité, ainsi que le Registre des membres qui appartiennent à la Fraternité.
Le Modérateur a le droit d’exclure un membre de la vie de la Fraternité (24-25). Il dispose du cachet (18).

13. Animateur.
L’animateur est élu par les membres de la Fraternité à la majorité simple pour une durée de trois ans. Le choix doit être approuvé par le Modérateur.
Les devoirs de l’animateur: l’animation et la coordination des activités ordinaires de la Fraternité toujours en collaboration avec le vice-animateur, et le consentement du Modérateur.
Au cours de la visite pastorale (5) l’animateur avec le modérateur présentent la situation de la Fraternité.
L’animateur désigne les personnes aux fonctions et aux initiatives entreprises par la Fraternité.
L’animateur est obligé de participer aux retraites organisées par le Modérateur Provincial pour les animateurs des fraternités.

14. Le Vice-Animateur
Le Vice-animateur est élu par les membres de la Fraternité à la majorité simple pour une durée de trois ans. Le choix doit être approuvé par le Modérateur.
Il est obligé de participer aux retraites organisées par le Modérateur Provincial pour les animateurs des fraternités.

15. Secrétaire
Le Secrétaire est élu par les membres de la Fraternité à la majorité simple pour une durée de trois ans. Le choix doit être approuvé par le Modérateur.
Son devoir est d’enregistrer tous les événements importants et les  initiatives vécues dans la vie de la Fraternité, ainsi que de mettre à jour le Registre des membres de la Fraternité.
Au cours de la visite pastorale du Modérateur Provincial, le Secrétaire présente la chronique et le Registre de la Fraternité.

16. Trésorier
Le trésorier est élu par les membres de la Fraternité à la majorité simple pour trois ans. Le choix doit être approuvé par le Modérateur.
Son devoir est de collecter les dons offerts selon les possibilités de chaque membre, pour le fonctionnement ordinaire et les initiatives de la Fraternité, ainsi que de bien les gérer et de préparer le compte-rendu financier.
17. Il est possible, selon les besoins de la Fraternité, de désigner d’autres fonctions pour une bonne marche de la Fraternité. Les propositions viendront de  l’Animateur et seront approuvées par le
18. La Fraternité possède son cachet.
19. La Fraternité devrait avoir les Livres officiels: le Registre des membres et la Chronique.

Chapitre IV
Les conditions d’appartenance à la Fraternité_____________________________________________________________________


20. Pour pouvoir devenir un membre de la Fraternité, il faut être catholique pratiquant et confirmé avec la volonté d’accomplir les devoirs d’un membre.
21. Le droit d’admission revient aux: Modérateur Provincial, Modérateur local ou bien à un autre prêtre désigné par le Père Délégué.
22. L’admission à la Fraternité se fait par un geste d’imposition du scapulaire selon le rituel approuvé par le Saint Siège. L’acte d’imposition devrait être confirmé par l’enregistrement des nom, prénom, date de naissance, adresse, et date d’admission dans le Registre d’appartenance à la Fraternité.
23. L’admission à la Fraternité se fait à l’occasion de la fête du 16 juillet, ou à une autre occasion proposée par le Modérateur.
24. L’appartenance à la Fraternité prend fin:
Si le membre écrit une lettre de démission au Modérateur
Si le Modérateur exclut par une lettre un membre de sa Fraternité.
25. Le Modérateur décide le renvoi d’un membre en cas de: abus grave de la foi catholique; actions nuisibles contre la Fraternité; grave abus contre les Statuts.

Chapitre V

Promesse du scapulaire et les droits des membres de la Fraternité___________________________________

26. Les promesses données aux personnes vêtues du scapulaire:
Qui meurt vêtu du scapulaire ne connaitra pas les flammes éternelles
Vêtu du scapulaire, comme dévot de la Vierge Marie, il est assuré de la protection maternelle envers l’âme et envers le corps durant sa vie et en particulier au moment de la mort.
Vêtu du scapulaire et vivant la chasteté selon l’état de sa vie, il sera sauvé du purgatoire le samedi après sa mort
Vêtu  du scapulaire, il  est en communion avec l’Ordre carmélitain et participe aux biens spirituels de l’Ordre durant sa vie et après sa mort: à travers les messes et les communions, mortifications et indulgences, prières et jeûnes, etc.
27. Les membres de la Fraternité ont le droit’une aide spirituelle de la part du Modérateur, de pouvoir participer à la vie et à l’activité de la Fraternité et d’une aide spirituelle du Modérateur Provincial
28. Les membres de la Fraternité peuvent obtenir l’indulgence plénière sous des conditions ordinaires (confession, communion, prière à l’intention du Pape, liberté par rapport au péché) dans les cas suivants:
Jour d’admission à la Fraternité
Mémoire de saint Simon Stock – le 16 mai
Solennité de Notre Dame du Carmel – le 16 juillet
Fête du Prophète Elie – le 20 juillet
Fête de sainte Thérèse de l’Enfant Jésus – le 1 er  octobre
Solennité de sainte Thérèse de Jésus – 15 octobre
Fête de la Toussaint du Carmel – le 14 novembre
Solennité de saint Jean de la Croix – le 14 décembre
29. Les membres de la Fraternité ont le droit de porter un grand scapulaire ou bien le manteau blanc de la Fraternité, selon les coutumes locales sur le territoire de la paroisse dans les cas suivants:
Les rencontres liturgiques de la Fraternité
Les processions liturgiques organisées par la paroisse.
Le port de ces signes extérieurs ci-dessus mentionnés hors de la paroisse devra être soumis à l’avis du Modérateur.
30. Les membres de la Fraternité, qui accomplissaient fidèlement les devoirs de la Fraternité ont le droit d’être enterré vêtu d’un grand scapulaire ou d’un manteau.

Chapitre VI
Devoirs des membres de la Fraternité_____________________________________________________________________________

31. Lesde la Fraternité sont obligés de consacrer régulièrement un certain temps à la rencontre avec le Seigneur dans la prière; de participer régulièrement à l’Eucharistie; de prier aussi dans une certaine mesure les psaumes; de réciter le chapelet. Ils devraient se confier à la protection de la Vierge Marie dans leur vie quotidienne, lui adressant souvent des prières brèves et spontanées.
32. Les membres de la Fraternité portent toujours et avec une grande dévotion le scapulaire, comme un signe d’appartenance à Marie au Carmel. Le scapulaire est composé de deux petits morceaux de tissu de couleur marron, liés par deux cordons. Une fois le scapulaire reçu, il est possible de le remplacer par une médaille qui comprend au recto le Sacré Cœur de Jésus et au verso la Vierge Marie. Les deux formes de scapulaires peuvent être changées si elles sont usées, sans cérémonies rituelles.
33. Les membres participent aux réunions organisées par la Fraternité. C’est là qu’ils font l’expérience de la vie communautaire et fraternelle; ils la consolident conformément à l’esprit du Carmel; ils se sensibilisent aux besoins des frères, sur le modèle de la Vierge Marie. Les réunions devraient porter sur les éléments suivants:
Honorer la Vierge Marie – par la messe votive de la Vierge Marie du Mont Carmel ou bien les prières de piétés; chants du Salve Regina, etc.
Approfondir la spiritualité du Carmel – par des conférences de formation
Honorer les Saints du Carmel
Répondre aux besoins des frères à l’exemple de la Vierge Marie
Prier pour les défunts de la Fraternité
34. En préparation à la Solennité de la Vierge Marie du Mont Carmel, les membres, individuellement ou en communauté, font une neuvaine à son honneur.
35. Le jour de la Solennité, la Fraternité organise la Messe festive.
36. La Fraternité participe à la rencontre nationale organisée par le Modérateur Provincial, au Burundi à Gitega, au Rwanda à Kibeho, le samedi après le 16 juillet.
37. Les membres contribuent, selon les moyens de chacun, par des dons libres aux activités de la Fraternité.
38. La Fraternité collabore avec les autres mouvements d’action catholiques.
39. Les exigences mentionnées ci-dessus sont d’une obligation morale, mais n’obligent pas sous peine de péché.

Père Fryderyk Jaworski, ocd
Délégué Provincial
         

Le texte approuvé par le Conseil de la Délégation Burundi-Rwanda
Butare-Rwanda, le 14 aout 2013

This is the official website of the Regional Vicariate of the Discalced Carmelites in Burundi and Rwanda.
Copyright 2013 Amahoro.pl. All rights reserved. Website project: Fr. Fryderyk Jaworski, ocd

Back to content