N° 2 (2013) - Amahoro.pl

The Carmelite Family
Burundi - Rwanda
Go to content

N° 2 (2013)

Spirituality > The Scapular > Formation
Kirundi N° 2 (2013)

UMUVYEYI BIKIRA MARIYA
MU MURYANGO WA KARUMERI

Intangamara

Kimwe mu biranga Karumeri ni umwanya  abafurera baha Umuvyeyi Bikira Mariya mu buzima bwabo. Mu rugendo rwabo rwo gukurikira Yezu, ni Bikira Mariya bahanga amaso, bunga ubumwe na we, bakamwigirako imigenzo myiza, mbere bakamuha icubahiro gikomeye.  Mu mvugo ipfunyapfunye twovuga nka Papa Leho  wa XIII ngo Karumeri uko yakabaye ni iya Bikira Mariya.
Iragi twasigaranywe n’abakurambere ni kumwiga ingiro n’ingendo. Kuko ico ubuzima bwa Karumeri busaba umufurera wese ni ukuzirikana Ijambo ry'Imana ijoro n'umutaga  kandi ivyo ni umugenzo waranze Umuvyeyi Bikira Mariya nk’uko Luka mweranda abitubwira  (Lk 2,19.51).
Kuba abafurera  bahurikiye muri Karumeri bafise Mariya ngo ababere  Umuvyeyi bibafasha kwumva bari mu muryango w’abafurera basangiye Umuvyeyi ari hagati muri bo, Umuvyeyi abumviriza kandi abafitiye igishika. Ehe ingene kwiyegurira Bikira Mariya  Karumeli ibitwigisha, bishaka kudufasha kunoganza urukundo Kristu yaturaaze, urukundo rw’Imana n’abantu. Muri iyo nzira Mariya atubereye Umuvyeyi aduha urugero, ariko kandi aranaduherekeza, kanatsinda  ubuzima bwa benshi mu beranda ba Karumeri bubidushingira ko intahe.
Muri kino kiganiro turaraba aho Umuryango wa Karumeri ukomora ico cubahiro kidasanzwe ugenera Umuvyeyi Bikira Mariya, turaza  kuraba uko imyaka  yagiye ihererekanya iryo ragi, turaraba cane cane  ico bamwe mu Beranda ba Karumeri bavuga kuri uwo Muvyeyi, imbere yo gusozera turagira ico tuvuze kw' Isikapurari ya Karumeri.

Itanguriro  n’amavuka y’Umuryango wa Karumeri,
Umuryango wa Bikira Mariya.

Hari ibintu 3 vyaranze ikibanza Umuryango wa Karumeri wahaye Bikira Mariya mu buzima bwayo: Umusozi wa Karumeri watanguriyeko, izina ry’Umuryango wa Karumeri n’amasezerano mu Muryango wa Karumeli.

Ku musozi wa Karumeri: Agasengero kitiriwe Bikira Mariya
Umwe mubagize urugendo rweranda kw'isi nyeranda {terre sainte}, mu gihugu ca Palesitina, mu kinjana ca XIII hari aho atubwira ivy’Umuryango w’abafurera b’ababa ahabonyene bari bafise agasengero  keza cane kitiriwe Umuvyeyi Bikira Mariya, abo bari abavukanyi ba Karumeli. Ni Umuvyeyi Bikira Mariya bisunze ngo ababere umurinzi.
Mu minsi yakurikiye, izina rya Bikira Mariya ryahawe urugo rwose rw’abo baherimiti. Kuba agasengero kari karabariwe Umuvyeyi w’Imana ni ho abagize umuryango wa Karumeli bakuye guha ikibanza  Umuvyeyi Bikira Mariya kuva umuryango ukivuka. Nta wokekeranya ko muri ako gasengero harimwo ishusho y’Umuvyeyi Bikira Mariya, uwo abafurera bamenya ko  abarabana urukundo mu buzima bari bariyemeje bwo gukurikira Kristu, bumva bari kumwe nk’uko yari kumwe n’abatumwa igihe Ekleziya ivuka.

Izina ry’umuryango: Abafurera  ba Bikira Mariya wa Karumeli
Mu bitabo vyose vyerekana kahise k'uwo Muryango, ndetse n’Inyandiko abapapa batandukanye bagiye bandikira abakuru b’Umuryango, izina bitwa ni Abafurera ba Bikira Mariya w'i Karumeri. Iryo zina ryabaye ikimenyetso c’ubunywanyi bw’urukundo abafurera bari bafitiye Umuvyeyi wabo Bikira Mariya kugeza aho babona mbere ko   ari mushiki  wabo!

Kwihebera Bikira Mariya
Abo Bafurera ba Karumeri barasezerana kwihebera ubuzima bwabo bwose Bikira Mariya mu gikorwa  bari bariyemeje co gukorera Kristu Yezu hariya mw'isi nyeranda. Nk’uko tubibona mu kahise, baravuga  bati: «ubuvugizi bukomeye Umuhimbazwa Bikira Mariya, Umuvyeyi w’Imana, uwo twemeye gukurikira, kandi akaba yararagijwe n’Umuryango wacu wo ku Musozi wa Karumeri. (cf Acta del Capitolo Generale de Montpellier, Acta cap.gen., Ed. Wessels-Zimmermann, Roma, 1912, p. 7).
Kugeza n’ubu, indagano z'abagize umuryango wa Bikira Mariya Umugabekazi wa Karumeri, zirekana iyo ngingo yo gukurikira Kristu bihebera Umuvyeyi Bikira Mariya. Baravuga bati ”Kugira ngo mbeho mu budahemuka, numvira Yezu Kristu na Bikira Mariya, …”

Uko imyaka  yagiye irakurikirana

Uko abakurambere bavyipfuje bakanabibako, abafurera, ababikira n’abalayike bagabanye umuryango wa Karumeli ntibahengeshanije kwerekana urukundo n’icubahiro bitagereranywa  bari bafitiye Umuvyeyi w’Imana Umugabekazi wa Karumeri:

a. Amazina yiswe uwo Muvyeyi
Mu ntango hakoreshwa «wa Karumeli (Patronne de l'Ordre), ariko bidatevye izina ryuzuye iteka «» ryatanguye gukoreshwa nk'uko bigaragara mu nyandiko z'inama zagizweno mw'ibwirizwa-nshingiro, aho bagira bati «Ku bw’icubahiro c'Umukama wacu Mana Yezu Kristu n’Umubikira, Umuvyeyi w’Umuryango wa Karumeri». Cankea ngo «Kubera ininahazwa ry’Imana n’ Umuhimbazwa Bikira Mariya, Umuvyeyi w’Imana akaba n'uwacu.» (Ibwirizwa-nshingiro ryo mu 1369).
Mu ndirimbo «Shurwe  rya Karumeri» Bikira Mariya bamwita «Umuvyeyi atekereza» nayo Yohani wa Chimineto akita uwo Muvyeyi «Isoko y’ikigongwe n’Umuvyeyi wacu» Kuri ayo mazina yose ntitwibagira ko Abafurera babona muri Mariya «Mushiki wabo».
Ikindi Abafurera babandanije gutsimbataza no guhaya ni Ubwerentegerwa bw’Umuvyeyi Bikira Mariya. Bityo akababera akarorero ko guhitamwo no kubaho mu butore, umutima werekeje ku Mukama. Abafurera ba Karumeri ni bamwe mu bagiye bashigikira iciyumviro co kwemeza ugusamwa atagicumuro kw'uwo Muvyeyi. Mu kubiha agateka  bambara umutama wera  berekana ko Bikira Mariya Umuvyeyi azira akanenge ababereye Umuvyeyi  nabo bakamubera abana, bakaba bitwararika kwigana ubuzima bwiwe.
Abafurera ba Karumeri barahimbaza Umuvyeyi Bikira Mariya  mu masabamana ya liturugiya, bikabonekera mu kwibuka  iminsi mikuru y’Umuvyeyi Bikira Mariya, kumuririmbira indirimbo  mu gusozera  ibisabisho vya mazaburi uko atunganije ka masaha,  inyuma y’igisabisho  gisozera umunsi bakaririmba "Turakuramutsa Mugabekazi..."

b. Bikira Mariya yereka Umuryango wa Karumeri ko awufiseko  ubutoni
Inkuru yo muri Kahise  itubwira ko Bikira Mariya na We atigeze aheba abafurera ba Karumeri bari baramwiziritseho. Ni ya wagize uruhara runini mu kuzigama Umurryango wa Karumeri cyane cyane igihe bageze mu bihugu vy'i Buraya.
Igitabo kivuga aberand ba Karumeri kitubwira ivy'umweranda Simoni Sitoki yari umukuru w’Umuryango mu myaka yababa 1251, yabonekewe n’Umuvyeyi Bikira Mariya akamuha Isikapurari, ikimenyetso c’urukiza ku bazoyambara barekana  urukundo bafitiye Umuvyeyi Bikira Mariya.
Bidatevye Papa Yohani wa 22 asohora inyandiko yemeza ko Umuvyeyi Bikira Mariya yaramwiyeretse amusaba ngo akingire umuryango wa Karumeri, gutyo nawe akazomwitura amwambaza. Ico gihe Papa yatangaje ivyo tuvuze aho haruguru ko umuntu apfuye yambaye Isikapurari kubera urukundo afitiye Umuvyeyi Bikira Mariya, azokizwa igihano c'i Purugatori.
Kuva mu kinjana  ca 14, Umuryango wa Karumeri wipfuje kuza uribuka  umunsi wa Bikira Mariya Umugabekazi wa Karumeri bigina ingabirano uwo Muvyeyi adahengeshanya  kubahunda. Baba bashaka  kwibutsa ko uwo Muvyeyi ari Umurinzi wa Karumeri, kandi ko adasiba kuduha ingabirano  nyinshi cane cane kuva ku wa 17 Mukakaro 1274, aho  Umuryango wemerwa ivy'imfatakibanza mu gihe wari ugiye kuzima.
Mu nyuma itariki ya 16 Mukakaro ni yo yasigaye igumye imenyekana nk’umunsi umukurambere Simoni Sitoki yabonekewe n’Umuvyeyi Bikira Mariya. Ni kw'iyo tariki twibuka Bikira Mariya Umugabekazi wa Karumeri.

c. Ikibanza ca  Bikira Mariya mu nyigisho za Karumeri
Abafurera ba Karumeri, mu nyigisho batangaga ku Muvyeyi Bikira Mariya,  bagaragaje icyifuzo cyabo cyo gukurikiza imigenzo myiza yaranze uwo Mubyeyi. Nka Yohani Baconthorp (1294-1348) yagerageje kugereranya imibereho y’umufureri wa Karumel n’iy’uy’Umubyeyi Bikira Mariya.
Abandi nka Arnold Botius (1445-1499), yagarutse ku burinzi bwa Bikira Mariya Umuvyeyi wa Karumeli abandanya akomeza  abafurera kubana bacuditse bukomeye n’uwo Muvyeyi Bikira Mariya, bakamubera abahungu b’inkoramutima, bakemera gusangira na We vyose. Umuhimbazwa Batisita Mantouan (1447-1516), mu bicuba  yanditse, aririmba Umuvyeyi Bikira Mariya.

Umweranda Tereziya wa Yezu (wa Avila) avuga  ko yamenye kandi agakunda Umuvyeyi Bikira Mariya kuva akiri muto avyigishijwe na Dona Beyatirisa, yavyerekana mu kuvuga i Rozari. I nyuma y'aho nyina yitabiye Imana, yasavye Bikira Mariya ngo amubere Umuvyeyi. Tereziya aremeza kandi ko uwo Muvyeyi yamwakiriyevy'ukuri kandi ko batigeze batana mu buzima bwiwe bwose. Ahubwo ni we Tereziya avuga ko akesha inema yo guhinduka yaronse mu bihe itandukanye vy'ubuzima bwiwe ngaha kw'isi.
Ariko uko yakura Tereziya ntiyagumye mu karangamutima gusa, ariko yinjiye mu binyegezwa y’ukwigirumuntu kwa Jambo, ibinyegezwa  vy’icungurwa ryacu, akazirikana ikibanza ca Bikira Mariya mu kwigira umuntu kwa Jambo, mu gihe bamuhereza  Imana mw'isengero ahungira mu Misiri, akabandanya atyo gushika mu mabanga ya Pasika aho Mariya yafatanije n'Umwana wiwe kuducungura, gushika  yinjire mu buninahazwa (mbere n'ubu Bikira abandanye gufasha Ekleziya abana biwe kugirango bazoshike mu kibanza bateguriwe mw'ijuru n'Umwana wiwe.)
Tereziya yemeza kandi akavug ko Bikira Mariya ari kumwe na Ekleziya, Umubiri kinyegezwa wa Kristu. Hari aho atubwira ko Bikira Mariya yabaye umukristu wa mbere, yabaye umwigishwa wa Yezu, yemeye gukurikira Kristu gushika ku Giti c’Umusaraba. Bikira Mariya yigishije Tereziya, kuba umukobwa wa Ekleziya, mu mubano  wiwe na Kristu. Iyindi migenzo twovuga Tereziya mweranda yigishije abakobwa biwe kuvyerekeye  Umuvyeyi Bikira Mariya ni ubukene, kwicisha bugufi  no kuninahaza Umukama  ku vyiza  urukundo rwayo  rwama rutwereka.
Tereziya yemeza ko ari Bikira Mariya yamusavye gushinga urugo rwa mbere rwa Karumeli ivuguruye, akamwemerera kuzobimufashamwo kuko bizoninahaza Yezu. Tereziya ntiyahengeshanya kuragiza vyose uwo Muvyeyi no guhimiriza abakobwa biwe kurangamira  mu maso, agira ati «Vyose biva kuri Bikira Mariya:   umwambaro, ibwirizwa hamwe n’amazu».
Yohani w’Umusaraba mweranda na we kahise katubwira ko yamenye Umuvyeyi Bikira Mariya akiri muto igihe amukingiye gusoma nturi mu mazi yari yaguyemwo. Aho atanguriye gutanga inyigisho, avuga Bikira Mariya afatiye ku kibanza yagize mw'icungurwa ry'ikiremwa  muntu. Ashinga intahe ko Bikira Mariya yari yunze ubumwe na Kristu, yemeye gukoreshwa na Mutima Mweranda maze akaba  akarorero  k'abasenga badahengeshanya basabira benewabo.
Abandi beranda ba Karumeri: UmwerandaTereziya w’Umwana Yezu ni we yavuze akiri muto ati «Bikira Mariya ni Umuvyeyi gusumba uko ari Umwamikazi», igihe amariye gukira indwara yari imubabaje cane. Aho ashikiye muri Karumeri, yamwivuze ati «ngukunda Bikira Mariya». Hari n’aho adutwenza iyo atubwiye  ko Bikira Mariya yagowe kuko wewe ata Bikira Mariya afise nk'Umuvyeyi!

Isikapurari ikimenyetso co kwiyegurira Bikira Mariya

Tugaruke kw'IsikapurariKarumeri, twabonye ko yahawe umweranda Simoni Sitoki, none mu vy’ukuri Isikapurari ya Karumeri ni iki?
Twokwishura ko Isikapurari ari umwambaro, impuzu yasonywe na Bikira Mariya,  ayitwambika ku bitugu ngo adukingire inyosha mbi za shetani n'iz'umubiri  ariko ikaba iranga abamwihebeye mu Muryango wa Karumeri.

Isikapurariumwambaro
Jambo yigize umuntu, arazi neza intege nke z'umuntu, ariko ashaka gusimbagiza umuntu ngo amushikane ku ngabirano y’ubuzima nyabwo, ubuzima bw'Imana. Ibimenyetso bitandukanyee yakoresheje yabihaye ingabirano guhora  bikoreshwa mu gutagatifuza abamukurikiye. Twovuga nk’amazi ya Yordani ubu agereranywa n’amazi y'Ibatisimu, umukate n'umuvinyu Yezu yahaye abatumwa biwe igihe bariko barasangira ubwa nyuma, bigereranywa n'Inkuka y’Ukaristiya aho duhabwa Umubiri n’amaraso vyiwe, … Ivyo ni vyo bimenyetso Ekleziya yasigaranywe  mu masakaramentu.
Ni muri urwo rwego Ekleziya iduha n’ibindi bimenyetso bitari amasakaramentu nye zina ahubwo vyunganira amasakaramentu bikatwibutsa umuhamagaro wacu nk’abakurikiye Kristu. Nk’uko bivugwa mu guhezagira Isikapurari: «Mushobora vyose kandi  wamaho, washatse ko Umwana wawe yambara umubiri  w'umuntu urariye gupfa, turagusavye, ngo ushungurire umuhezagiro wawe kuri iyi mpuzu abakurambere bacu  kwambara nk'ikimenyetso c’ubutacisubirako n’ukwicisha bugufi,  ni uyihezagire kugira ngo  umusavyi wawe ashobore kwambara Kristu ubwiwe.»
Twovuga ko Isikapurari itwibutsa ko mw'Ibatisimu twambaye Kristu, uwuyambaye agerageza kuzirikana indagano z'Ibatisimu, mbere akarushirizaho kwisunga ubutabazi bw'Umuvyeyi Bikira Mariya.

Isikapurari ni ikimenyetso c'Ubuzigamyi bwa Bikira Mariya
Nkuko Impuzu yose iturinda ibigeramiye  umubiri wacu: imbeho, ubushuhe, umuriro, ico adukomeretsa, …. N’Isikapurari nyene ituragirira umutima nk'uko twamaze kubivuga, Umuvyeyi mu kuyiha  Simoni Sitoki mweranda, yamwereye  ko uwuzopfa ayambaye atazoja mu muriro utazima.
Nyamara Bikira Mariya ntiyaduhaye agaheko kadukingira, tumaze kuvuga ko Isikapurari itwibutsa ko turi ababatijwe muri Kristu, abemeye gukurikira Inkuru nziza yatumenyesheje, tukibuka ko Urukundo ari ryo ragi twahawe. Isikapurari ni ikimenyetso c'urukundo rw’Imana n’Umuvyeyi wayo Bikira Mariya. Uwuyambaye aba yemeye kwakira iyo nkizo ngo atsinde igicumuro iyo kiva kigagera  ari naco kidukura muri  urwo rukundo.

Isikapurari ni ikimenyetso c'amamuko yacu
Isikapurari ni umwambaro wa Bikira Mariya, itwibutsa ku buryo bwayo ko turi abana b’Imana n’ab’Umuvyeyi Bikira Mariya. Paolo mweranda, atwibutsa agaciro k'Ibatisimu agira ati : «ko mwabatijwe  muri Kristu, mwambaye Kristu» (Gal 3,27). Nyamara ntitwambaye Kristu kubera ububi  bwacu ahubwo Kristu aduha kamere nshasha itwinjiza muri kamere yiwe y’ubuzima bwamaho. Ivyo tubishikako  mu kugira ivyipfuzo nk’ivya Kristu (,5), bityo tukaguma  twishushanya na we.
Isikapurari idufasha kandi gusa n’Umuvyeyi Bikira Mariya. Nk’uko Imana yaducunguye ibanje kumucako, ni na ko  ibandanya kumucako mu kutugabira inema ingabirano zitandukanye. Kandi neza kandi turemera ko umwigishwa wa mbere wa Yezu yabaye Umuvyeyi wiwe Bikira Mariya. Ni nde wundi yotwogisha kumyera ingendo n’ingiro mu gukurikira  Kristu atari Bikira Umuvyeyi  Bikira Mariya?
Ku bifuza insiguro irashe  twobatumirira  gusoma agatabo «ya Karumeli»  

UMUSOZO:  BIKIRA MARIYA ATWIGISHA IKI?

Umuvyeyi Bikira Mariya tumwigirako kugira buzima butangarira Imana, bwigana kandi bukurikiye Yezu, bunywana n’Imana n’abantu. Twovuga ko ingene Karumeri yubaha Umubyeyi Bikira Mariya bihuye rwose n’ivyo Papa Paolo  wa 6 avuga mu vyo yanditse kuri Bikira Mariya mw'ikete bita: Amashemezo ya Mariya Marialis Cultus N 57:
  • Kwemera, kwakira n’ubwenge bwo kuzirikana Ijambo ry’Imana  (Lk 1, 26-28; 1, 45; 2,19; 11, 27-28).
  • Ubugamburutsi kw’abihebeye Imana, (Lk 1, 38) no kwicisha bugufi, ukworosha ubuzima (Lk 1, 48).
  • Urukundo rwemera kwihebera abandi(Lk 1, 39-56).
  • Ugufatanya n’abatumwa gusenga (Ibik …..).
  • Umuvyeyi Bikira Mariya yagize ubukomezi n'ingoga  mu gihe c'amakuba, no mu bubabare. (Lk 2, 34-35. 48-49; Yoh 19, 25-27).
  • Gusabana  ukwizigira Umwana wiwe. (Yn 2, 1-11).
  • Ubwerentegerwa bwiwe butigeze butirigana (Mat 1, 18-25; Lk 1, 26-38).
  • Kuba yarakurikiranye ivyabaye ku Mwana wiwe kuva akivuka mw'isenga ry'ibuye gushika aho apfiriye akaba yarazutse (cf. Lc 2, 1-7; Yn 19, 25-27) ’ibindi ….

KINYARWANDA

AMATEKA YA ELIYA
                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                         
Intangiriro                        

Kuvuga amateka y’umuntu nka Eliya ntibyoroshye kuko yinjira mu mateka atunguranye kandi ikindi gitangaje nta muntu umenya irengero rye. Uko Yezu azamuka ajya mu ijuru intumwa ze zimureba ni ko na Eliya yazamutse mu igare ry’umuriro  Elisha amureba. Nta handi rero twakura inkuru y’ubuzima bwe atari muri Bibiliya. Akaba ari yo mpamvu dushaka kureba uko yabayeho tugendeye ku Ijambo ry’Imana. Tukabikora mu bice bitandukanye
-Eliya, umuhanuzi
-Eliya, umusabaniramana
-Eliya n’umuryango wa Karumeli
-Ibyo  umuntu yakwigira kuri Eliya

Eliya umuhanuzi

Inkuru ya Eliya umuhanuzi tuyisanga mu gitabo cya mbere cy’abami kuva ku mutwe wa cumi na karindwi kugera ku wa cumi n’icyenda. Eliya ni Umutishibi wo mu baturage b’i Gilihadi. Bibiliya nta kindi itubwira ku mwirondoro we usanzwe, ntituzi niba yari afite abavandimwe, niba yari yubatse, icyo yaba yarakoraga. Gusa tubona ko ari umuntu utumwa n’Uhoraho kuri Akabu, kumenyesha amapfa yari agiye gutera mu gihugu cya Isaraheli: “Ndahiye Uhoraho, Imana ya Israheli nkorera, ko nta rume cyangwa imvura bizagwa muri iyi myaka, keretse jye mbitegetse” (1Bami 17,1). Eliya ni umuntu w’Imana. Arayumvira na yo ikamurinda. Ayo mapfa agiye gutera ntabwo we azamugeraho. Imana ntishobora kumuturerana kuko ari yo  akorera. Reka twumve uko Imana ibimugaragariza: “ Va hano, ugende werekeza iy’iburasirazuba, maze wihishe ku nkombe y’umugezi wa Keriti uri mu burasirazuba bwa Yorudani. Uzanywe amazi y’uwo mugezi kandi nategetse ibikona kuzajya bikugemurira ibyo kurya” (1Bami 17,3-4). Imana ntishobora gutererana umugaragu wayo igihe ayikorera atiziganya. Icyo aba asabwa ni ukumvira, ukutiganyira; mbese ukwitanga wese atizigamye. Ibyo ni byo Eliya yakoze maze Uhoraho yuzuza isezerano rye : “ Aragenda, agenza uko Uhoraho yategetse; ajya kuba ku nkombe y’umugezi wa Keriti wari mu burasirazuba bwa Yorudani. Ibikona byamuzaniraga umugati n’inyama mu gitondo na nimugoroba, akajya anywa amazi y’uwo mugezi”(1Bami 17,5-6).
Ntibyahagarariye aho kuko hashize iminsi mike wa mugezi warakamye ari bwo Uhoraho yongeye gutunga umugaragu we anyuze ku mupfakazi w’umukene utari ufite na busa usibye agafu ku rushyi kari mu kebo n’utuvuta twari mu keso. Eliya ntiyashidikanyije yumviye Uhoraho aramwizera, ubundi Uhoraho na we amugaragariza ububasha bwe, atubura ibitashobokaga gutuburwa ku bw’amaso y’abantu. Igitangaza cya mbere Imana igaragaza inyuze kuri Eliya ni cyo gutubura.
Umuhanuzi ni umuntu uvuga mu mwanya w’Imana, avuga ibyo Imana imuhaye kuvuga. Ni byo tubona mu muhamagaro cyangwa se mu gutorwa kw’abandi bahanuzi bazaza nyuma: “ Nuko numva ijwi rya Nyagasani rigira riti ‘Mbese ndatuma nde? Ni nde twakohereza?”(Iz 6,8). Aho tubibona neza ni ku muhanuzi Yeremiya: “ Uhoraho yambwiye iri jambo, agira ati ‘Ntarakuremera mu nda ya nyoko, nari nkuzi; nakwitoreye utaravuka, nkugira umuhanuzi w’amahanga.”Ubwo nanjye ndatakamba nti ‘Rwose Nyagasani Mana, sinashobora kuvuga, dore ndacyari muto!’ Nuko Uhoraho arambwira ati ‘Wivuga ngo ndacyari muto, kuko aho nkohereza hose uzajyayo, kandi n’ibyo ngutuma byose, ukazabivuga. Ntugire umuntu utinya, humura turi kumwe, ndagutabara. Uwo ni Uhoraho ubivuze” (Yer 1,4-8).
Ngibyo rero ibiranga umuhanuzi. Nta washidikanya kwita Eliya umuhanuzi, intumwa y’Imana. Eliya yerekana ko ari umuhanuzi igihe agaragariza imbaga nyamwinshi ko atandukanye n’abandi bahanuzi b’ikigirwamana Behali ku musozi wa Karumeli. Eliya ahamya ko ari we muhanuzi wenyine w’Uhoraho usigaye naho ab’ikigirwamana Behali bakaba ari magana ane na mirongo itanu. Eliya atandukanye n’abahanuzi ba Behali kuko asenga Imana ikamwumva kandi ikamusubiza mu gihe ab’ikigirwamana Behali badasubizwa.
Ntabwo ashakisha ikimenyetso kubwe ahubwo ni ukugira ngo imbaga imushengereye, imukikije yemere ko Uhoraho ari we Mana: “ Isaha yo gutura igitambo igeze, umuhanuzi Eliya yegera urutambiro, asenga agira ati ‘Uhoraho, Mana ya Abrahamu, na Izaki, na Israheli, erekana ko ari wowe Mana muri Israheli, naho jyewe nkaba umugaragu kandi ko ibyo byose nabikoze nkurikije ijambo ryawe. Ngaho nsubiza kugira ngo iyi mbaga imenye ko wowe Uhoraho uri Imana, kandi ari wowe wigaruriye imitima yabo!’ Ubwo umuriro w’Imana uramanuka, utwika igitambo, inkwi, amabuye n’umukungugu, kandi ukamya amazi yari mu muferege. Abantu bose babibonye bikubita hasi bubamye, baravuga bati ‘Uhoraho ni we Mana! Uhoraho ni we Mana!” (1Bami 18,36-39).
Eliya ni intumwa y’Imana, ntavuga yitumirije ahubwo avuga mu izina ry’Imana. Intumwa igirana umushyikirano n’uwayitumye. Reka dukomeze tureba ukuntu Eliya ashyikirana n’Uhoraho.

2. Eliya, umusabaniramana

Twabonye ibitangaza Imana yagaragaje inyuze ku muhanuzi Eliya. Eliya rero n’ubwo amaze gukora ibitangaza byinshi atangiye ubundi buzima. Ageze aho yumva ko nta cyo agishoboye atangira gucika intege, yibwira ko ntacyo atambukije cyangwa se arushije abamubanjirije ni ko kwisabira gupfa: “ We agenda urugendo rw’umunsi umwe mu butayu. Ahageze yicara mu nsi y’igiti cyari cyonyine. Yisabira gupfa, agira ati ‘Ntacyo ngishoboye. None Uhoraho, akira ubuzima bwanjye kuko ntaruta abasokoruza banjye” (1Bami 19,4). Eliya aciwe intege n’uko imbaga yabonye ibitangaza idahinduka, ikomeza kunangira umutima wayo. Bibiliya Ntagatifu mu bisobanuro byayo igira iti: “ Nyuma y’igitangaza cy’akataraboneka cyari kimaze kubera ku musozi wa Karumeli, Eliya yari yizeye ko umwami hamwe n’imbaga bagarukira Uhoraho, nyuma abonye ko bose nta cyo bahindutseho, ahita acika intege.” Eliya rero atangiye urugendo rurerure, urugendo rwerekeza mu butayu ahatarangwa n’ikintu na kimwe. Urugendo rw’umunsi umwe rurahagije kugira ngo abe arangije gucika intege.
Nk’uko rero twigeze kubibona, Imana ntitererana umugaragu wayo, ni bwo imwoherereje umumalayika wayo kumuzahura, mu gihe yibwiraga ko byose birangiye: “ Nuko aryama mu nsi y’icyo giti cyari cyonyine, arasinzira. Umumalayika araza amukoraho, amubwira ati: ‘Byuka urye!’ Aritegereza, abona ku musego we umugati wavumbitswe mu mabuye ashyushye n’akabindi kamazi, ararya, aranywa, hanyuma arongera araryama.
Umumalayika w’Uhoraho aragaruka, amukoraho maze aramubwira ati: “ byuka urye kuko ugifite urugendo rurerure”(1Bami 19,5-7). Urwo rugendo ruzamara iminsi mirongo ine kugira ngo agere ku musozi wa Horebu aho agomba kubonana n’Uhoraho. Horebu ni irindi zina bitaga umusozi wa Sinayi, Imana yagiranyeho isezerano n’umuryango wayo inyuze kuri Musa. Uko Uhoraho yeretse Musa ko ari kumwe n’umuryango we, niko yongera guhumuriza Eliya amwereka ko bari kumwe mu rugendo, ko atagomba gushidikanya cyangwa se gucika intege. Musa ntiyashoboraga kubona ububengerane bw’Uhoraho; Eliya na we ntashobora kubona Imana imbonankubone: “ Uhoraho arongera ati: ‘Ngwino nkwereke aho uba uhagaze iruhande rwanjye. Ndaguhagarika hejuru y’urutare. Igihe rero ikuzo ryanjye riza guhita, ndagushyira mu bwihugiko bw’urutare, maze ngutwikirize ikiganza cyanjye kugeza ubwo ntambutse” (Iyim 33,21-22). “ Uhoraho aravuga ati ‘Sohoka maze uhagarare ku musozi imbere y’Uhoraho; dore Uhoraho araje”(1Bami 19,11).
Musa na Eliya ni abantu bakomeye Bibiliya itubwira; ndetse babayeho ubuzima bujya gusa n’ubw’Umwana w’Imana. Yezu na we azakunda kujya mu butayu no mu mpinga y’imisozi. Haba mu butayu, haba mu mpinga y’imisozi, aho hose ni ahantu hashushanya aho umuntu ashobora guhurira n’Imana ku buryo burushijeho, hitaruye urusaku rw’iby’isi. Niho tubona ko Yezu amaze kubatizwa yerekeje mu butayu: “ Yezu ava ku nkombe ya Yorudani yuzuye Roho Mutagarifu, maze ajyanwa na Roho Mutagatifu mu butayu”(Lk 4,1). Ni nabo kandi bazagaragara bari kumwe na Yezu, igihe azihindura ukundi ku musozi wa Tabori (Mt 17,3).
Igihe kiragera Uhoraho yerekana ko ari kumwe na Eliya. Hari uburyo bune Uhoraho yakoresheje kugira ngo amugaragarize ko bari kumwe nk’uko tubisoma na none mu gitabo cy’Abami: “ Ako kanya, haza inkubi y’umuyaga usatagura imisozi kandi umenagura amabuye imbere y’Uhoraho ariko Uhoraho ntiyari muri uwo muyaga. Nyuma y’umuyaga haba umutingito w’isi, ariko Uhoraho ntiyari awurimo. Nyuma y’umutingito w’isi haza umuriro, ariko Uhoraho ntiyari awurimo. Noneho nyuma y’umuriro, haza akayaga gahuhera. Eliya akumvise, yipfuka igishura cye mu maso, maze arasohoka ahagarara ku muryango w’ubuvumo” (1Bami 19,11-13). Uyu mwandiko utugaragariza ku buryo bwuzuye umushyikirano wa Eliya n’Uhoraho binyuze mu mutuzo. Ibimenyetso bitatu (inkubi  y’umuyaga, umutingito w’isi, umuriro) ni ibimenyetso bikomeye umuntu wese ashobora kwibwira ko byoherejwe n’Usumba byose. Twavuga ko byashushanyaga ibyaberaga mu mutima wa Eliya wari uhunze Yezabeli naho akayaga gahuhera kagashushanya amahoro y’umutima, mbese umutuzo uranga umuntu wese winjiye mu busabaniramana.
Tereza wa Avila adusobanurira isengesho akoresheje ikigereranyo cy’ubusitani. Iki kigereranyo gishobora kudufasha kubyumva neza. Kugira ngo ubusitani bwuhirwe hashobora kubaho uburyo bune:
-Kuvoma amazi mu iriba hakoreshejwe umugozi n’indobo
-Kuvoma amazi ku mugezi
-Kuyobora amazi mu busitani
-Kugwa kw’imvura
Ubwo buryo bwose uko ari bune buratandukanye kandi ntabwo buvuna kimwe. Eliya amaze kumva akayaga gahuhera yumvise ijwi rimubaza riti: ‘Urakora iki hano?’ Nibwo asubije ashize amanga. Nyuma y’iryo jwi ntabwo azatinya kwongera kwerekeza inzira yari yaturutsemo: “ Nagurumanywemo n’ishyaka ry’Uhoraho, Umugaba w’ingabo, kuko Abayisraheli banze kwita ku Isezerano ryawe, basenya intambiro zawe kandi bicisha inkota abahanuzi bawe; ni jye jyenyine wasigaye none barangenza ngo banyice”(1Bami 19,14)
3. Eliya n’umuryango wa Karumeli

Kuva mu kinyejana cya mbere, abakuru ba Kiliziya yo mu burasirazuba bakunze gufata Eliya ho umukurambere n’urugero rw’ubuzima bwa giheremiti n’ubwa kimonaki. Abantu bose bashaka kubaho bacecetse kandi bonyine, baba  barabimburiwe na Eliya umuhanuzi. Ni muri urwo rwego tubonamo abahanuzi bose bakurikiye kugera kuri Yohani Batisita tuzi mu Isezerano Rishya. Aho hantu Eliya yatuye ubu hitwa Wadi Ayini es-Siyahi (Wadi’ain es-Siah). Ahagana mu kinjyejana cya cumi na gatatu ni bwo abakristu baturutse iburengerazuba baza gutura kuri Karumeli. Nuko binjira batyo muri urwo ruhererekane rukomoka ku muhanuzi Eliya. Ni bo Nikolasi w’umufaransa yita ‘Ababyeyi bacu’ cyangwa se ‘abatubanjirije’. Aho ni ho hakomoka, mu kinyejana cya cumi na kane, ko umuryango wa Karumeli waba ufite inkomoko mu Isezerano rya Kera, byumvikana ku muhanuzi Eliya. Abakarume akaba ari bo ba nyuma baturuka ku muhanuzi Eliya. Ni muri urwo rwego kandi rero abakarume bafata umuhanuzi Eliya ho urugero mu bijyanye no gusabana n’Imana. Akaba ari we ubarangaza imbere. Naho mu bijyanye n’amategeko uwashinze Karumeli ntabwo azwi.

4. Ibyo umuntu yakwigira  kuri Eliya

Igitabo cya Mwene Siraki kitwereka muri make ibyaranze Eliya. Umwanditsi aramutaka akamusigiriza. Aduha incamake y’ibyo Eliya yakoze:
“ Nyuma hadutse umuhanuzi Eliya, aza ameze nk’umuriro, ijambo rye ritwika nk’ifumba igurumana. Yabaterereje inzara, irabashegesha; kubera ishyaka rye, umubare wabo uragabanuka. Ku bw’ijambo ry’Uhoraho yabujije imvura kugwa, kandi amanura umuriro wo mu kirere incuro eshatu zose. Mbega Eliya, ngo ibitangaza byawe biraguhesha ikuzo! Ni nde wakwiyemera ko ameze nkawe? Wowe wazuye umuntu wapfuye, ukamukura ikuzimu, ku bw’ijambo ry’Umusumbabyose; wowe wagushije abami mu kangaratete, n’abikuza ukabimura mu buryamo bwabo; wowe wumviye kuri Sinayi imiburo y’Uhoraho, kuri Horebu, ukahumvira imigambi ye yo guhana; wowe wasize amavuta abami ngo bamuhorere, n’abahanuzi kugira ngo bagusimbure; wowe wajyanywe mu gicu cy’umuriro, ukagenda mu igare ritwawe n’amafarasi agurumana, wowe wavuzwe mu mihuro yerekeye ibihe bizaza, kugira ngo ucubye uburakari bw’Uhoraho butaragurumana, no kugira ngo ababyeyi biyunge n’abana babo, bityo amazu ya Yakobo agasubirana. Hahirwa abazakubona, kimwe n’abasinziriye mu rukundo, kuko natwe twese tuzabaho nta shiti” (Sir 48,1-11).
Aya magambo atwereka byinshi twamwigiraho ariko ibyo twibandaho ni bibiri:
-ukurangamira Imana
-ukuba intumwa

a) Ukurangamira Imana

Igitabo cy’Ubuhanga kiragira kiti: “ Koko rero, ubuhangange n’uburanga bw’ibyaremwe biducira amarenga atuma turangamira Uwabihanze” (Buh 13,5). Eliya ni umuntu w’Imana. N’ubwo nta kintu na kimwe yanditse ku isengehso, ni urugero rutwigisha gutega amatwi Imana binyuze mu isengesho ry’umutuzo, rya bucece. Mbese aho umuntu yumva ari mu kiganiro hamwe n’uwo yumva ko bakundanye koko, nta mbogamizi zindi zibayeho.
Umuntu rero mu isengesho rye ryo kurangamira no mukuba umurangamiramana, ibiremwa byose rero bishobora kumufasha guhura n’Umuremyi we, akongera gusubirana ya shusho yaremanywe kuko tuzi neza ko yaremwe mu misusire y’Imana (Intg 1,26) ariko kubera icyaha akaba yarivukije ubwo buranga. Eliya atwigisha kandi kuzamuka impinga y’imisozi kugira ngo dushobore guhura n’Imana.
Isengesho ryo kurangamira risaba ko umuntu aba yaratambutse ibimubuza guhura n’Imana, akisohokamo wese, ubundi akarangamira Imana.

b) Ukuba intumwa

Kuba intumwa ni ugusohoza ubutumwa uko babuguhaye ntacyo ugabanyijeho cyangwa se ngo wongereho. Eliya yashohoje ubutumwa bw’Uhoraho nta gutinya abo yoherejweho. Ijambo rye ritwika nk’ifumba igurumana. Intumwa igomba guhora iharanira ko ubwami bw’Imana bwogera hose, guhora ifite ishyaka ryo guharanira izina ry’Imana. Kuba intumwa ni uguhara byose ukizirika kuri Yezu Kristu nta kindi umubangikanyije na we. Kwemera kuba intumwa nta kindi bisobanura atari ukugurisha ibyo utunze byose hanyuma ukegukira wese Yezu Kristu. Gufata umwanzuro cyangwa se umugambi ubutisubiraho.

Umwanzuro

Muri rusange Bibiliya igira icyo itubwira ku mateka ya Eliya, by’umwihariko igitabo cya mbere cy’Abami. Kuba Eliya atavugwaho byinshi bifite ishingiro kuko yaje nk’intumwa y’Uhoraho ahanura kandi akora ibitangaza. Ntabwo yari umwana w’Imana ahubwo yari umugaragu, kandi umugaragu ntaruta Shebuja. Byabereye kandi no kugira ngo hataba urujijo. Tubona ko mu Isezerano Rishya rubanda rumwitiranya na Yezu: “ Bamwe bavuga ko ari Yohani Batisita, abandi ko ari Eliya, abandi ko ari Yeremiya cyangwa umwe mu bandi bahanuzi”(Mt 16,14). Ni yo mpamvu Yohani Batisita we yavugaga ko ari ijwi ry’uvugira mu butayu (Yh 1,23). Icyo tubona kigora muntu mu minsi ya none ni uko atamenya umwanya we, icyo ashinzwe kugira ngo ashobore kurangiza ubutumwa bwe atabangamiye abandi.
Ubuzima bwa Eliya nibutubere urugero kugira ngo natwe turusheho kwamamaza Ingoma y’Imana dushize amanga kandi duhamya ko Kristu yazutse. Amagambo akurikira ya Pawulo Mutagatifu atubere itara ritumurikira ubuziraherezo: “ Nihasingizwe Imana, Yo ifite ububasha bwo kubakomeza bihuje n’Inkuru Nziza nabashyikirije namamaza Yezu Kristu, nkurikije iyobera ryari ryaracecetswe kuva kera kose, ubu rikaba ryahishuriwe abanyamahanga bose, rikagaragarira mu byanditswe by’abahanuzi. Nguko uko Imana Ihoraho yabigennye kugira ngo na bo ibageze ku kwemera bayumvire”(Rom 16,25-26).

This is the official website of the Regional Vicariate of the Discalced Carmelites in Burundi and Rwanda.
Copyright 2013 Amahoro.pl. All rights reserved. Website project: Fr. Fryderyk Jaworski, ocd

Back to content